Entertainmenthomepagekirundi

Emery Sun atarahonyoza ikirenge mu Burundi yarekuye cover

Nkuko twabibashikirije mu makuru yacu umuririmvyi Emery Sun kuva igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2023 abarizwa mu gihugu ca Kenya igikorwa camujanye co kuririmbana na Baino gisa nkicarangiye kuko vuba aragaruka mu Burundi nayo indirimbo yiwe Yagiye yemeye “Abayuda”ashika ayisohora wibaza kwari ryari?

Mu kiyago yagiranye na Indundi magazine nuko atagihindutse kuri uwu wakane igenekerezo rya 3 Rusama 2023 isaha indwi z’umuhingamo azoba afashe rutemikirere imugarukana mu Burundi .

Nubwo atashimye kuvuga gahunda y’igikorwa yakoranye na Baino igihe kizosohokera ico yabanje gushikana nico yiyemeje yuko niyava muri Kenya azoca asohora indirimbo yiwe

Atagihindutse k’umusi w’agatanu igenekerezo rya 5 Rusama 2023 indirimbo yiwe “Abayuda” azoyishira ahabona tubibutse KO indirimbo yaheruka gusohora ari ” Tagata”ikaba arinayo yatumye agashimwe Isanganiro Award ihiganwa rimaze imyaka 11 ritegurwa na Radio Télévision Isangaro.

Mwibaza ko abayuda Emery Sun agira aririmbe ari abahe?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 590