abakinyi bakina hanzefootballhomepagekirundi_Sports

# Indundi Sports | Abanyagihugu bo muri Karitiye Winterekwa baterereye imifuko 100 ikibuga citiriwe Intwari

Ikibuga citiriwe Intwari kibandanya gishigikirwa bimwe bikomeye n’aba nya Bujumbura .

Kuri uwu wa kane waraye uheze igenekerezo rya 04 Rusama 2023 , abanya Bujumbura  baba muri Karitiye Winterekwa iri muri Commune Ntahangwa barakoze ibikorwa rusangi ku kibuga citiriwe Intwari barikumwe  n’uwurongoye Karitiye yabo ( Chef de quartier ).

Kaciye kaba n’akaryo keza kabo bene gihigu bo mu gisagara ca bujumbura ko guterera imifuko 100 y’isima .

Inyuma yaho , uwurongoye Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Général de Brigade de Police Muyenge Alexandre yafashe ijambo mu gushima iyo ntererano yatanzwe n’abo banye gisagara ca Bujumbura aca aboneraho na karyo ko gutera akamo ayandi ma Karitiye kuraba ico yoterera nayo nyene kuri iyo nyubako y’ikibuga citiriwe Intwari .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 668