Hari umugabo akomoka mu gihugu ca Kenya yahushije inzira iyo yariko aratahuka, indege yiwe ikorokera mu ntara ya Muyinga, nkuko vyamezwa n’abajejwe Intwaro.
Amakuru dukesha ikinyamakuru Bonesha Fm avuga ko igipolisi cemeza ko muri Komine giteranyi, zone masaka, umutumba bita Ngoma hari umugabo yaravuye I Ngara agiye muri Kenya yakorotse mu ndege yiwe, iyo nayo akaba ari urutaro.
Iryo sanganya ryabaye ngo kwabaye ukuzimira.
Abajejwe Intwaro muri ako gace bakaba bemeje ko ibinyoteri n’uwo mugabo bari ku gipolisi muri Komine Giteranyi. Ahubwo abajejwe Intwaro bakaba bari bafise ikibazo c’uburyo uwo mugabo ahava asubira kuguruka.
Uwo Mugabo yagize iryo sanganya, akaba ngo yari yijeje abajejwe Intwaro ko ahava asubira Kandi kugerageza kuguruka kugira abandanye urugendo yararimwo.
Aha mukamenya ko urwo ruja n’uruza rusanzwe rutagenzurwa n’abajejwe umutekano wo mu kirere, rudasiba akatari guke kuboneka, kuko amasanganya nkayo haba ayatari make, naho ata biharuro birabasha gushirwa ahabona.