Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi Angeline Ndayishimiye yaraye ateye iteka igihugu.
Kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 08 Rusama 2023 mu gihugu ca Nigeria niho hari haramutse habera inama idasanzwe igira 10 y’ishirahamwe ryishinze gutsimbataza amahoro ry’abatambukanyi b’abakuru b’ibihugu vya Africa .
Muri iyo nama abatambukanyi b’abakuru b’ibihugu vyo muri Africa bagenye Angeline Ndayishimiye umutambukanyi w’umukuru w’igihugu nk’umurongozi wabo mushasha .
Akaba asubiriye umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Nigeria Aicha Buhari.
Mwomenya ko Angeline Ndayishimiye agiye gutwara iryo shirahamwe mu kiringo c’imyaka 2.