Mu gihe hari hagize igihe havugwa ko abanyarwanda aribo bonyene bumvikana i Bujumbura, ariko abarundi I Kigali, batumvikana, zoba zahinduye imirisho.
Ivyashikirijwe n’umwe muba Comedien b’abanyarwanda mu misi iheze, ko abarundi bateye Urwanda, Kandi bitazoroha kubasubiza inyuma, vyatanguye kuboneka bidasanzwe.
Indirimbo zitari nke z’abarundi zatanguye kuboneka mu gitigiri c’indirimbo zaba izironderwa cane, canke mu zumvirijwe gusumba izindi muri ico gihugu.
Indirimbo nka Madam ya Drama T iri mu gitigiri c’indirimbo 100 zumvirijwe gusumba izindi mu ndwi ya mbere itangura uku kwezi Kwa 5, ku rubuga rwa Boomplay mu Rwanda.
Iyo ndirimbo nyene co kimwe na ITamporize, Back To You ta Theecember, Ndakumisinze ya Big Fizzo, Indirimbo yanje ya Apotre Apollinaire na Shiramwo Indirimbo ya Redemption Voice nazo zigize imisi zigaruka mu ndirimbo 50 za mbere ziba zarondewe Kuri urwo rubuga muri ico gihugu.
Ibi bigaca vyiyongeramwo izindi z’abaririmvyi b’abanyarwanda ariko bafashijwe n’abarundi, izo nazo ni nka Yalampaye ya Kivumbi King na Kirikou, n’izindi nazo zibandanya ziboneka muri izo ndirimbo ziba zikunzwe muri ico gihugu.
Ariko umuririmvyi Drama T akaba ariwe muririmvyi agaruka cane muri bibanza vya hafi muri urwo rutonde rw’indirimbo ziba zikunzwe Kuri urwo rubuga.
Ibi bikaba bibaye mu gihe uwo muririmvyi yaheruka I Kigali muri ino ndwi, aho mu bikorwa vyamujanye n’ubu atakiravugwa.
Muri ico gitigiri c’abaririmvyi canke Indirimbo zikunzwe muri ico gihugu, womenya ko abo baririmvyi bariko bagwanira ibibanza vya mbere n’abandi baririmvyi bakomeye muri Afrika barimwo cane cane abava muri Nigeria na Tanzania, nka Omaly, Diamond Platnumz, Rema n’abandi.
Ibi bigaca bitanga icizere ko Indirimbo z’abarundi canke abaririmvyi b’abarundi basubiye kw’isoko mu karere, ariko Kandi banahagaze neza mu bijanye n’ukwimenyekanisha mu bihugu bihana urubibe n’Igihugu cacu.