BurundihomepageUncategorized

Sebarundi ngo yumvise amaborogo y’#abatwip

Sebarundi ngo yumvise amaborogo y’#abatwip

Imyidogo abarundi batari bake cane cane abakoresha imbuga ngurukanabumenyi bari bagize imisi bafise, Se barundi yayumvise.
Kw’igenekerezo rya 10/5, I Gitega hakoraniye inama nshikiranganji irongowe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye.
Muri iyo nama nshikiranganji haza kwigwa ibintu 10, harimwo icari kigize imisi kivugwa cane gusumba, n’abatwip, nukuvuga abakoresha Twitter. Ico naco s’ikindi n’itunganywa gushasha ry’insamirizi n’imboneshakure y’igihugu RTNB.
Ibi bibaye mu gihe abakoresha izo mbugahwaniro bagize imisi bakoma induru ko iyo nsamirizi itunganije nabi ugereranije n’igihe isi irimwo.
Muvyari bigize igihe vyidogerwa, harimwo iyerekanwa ry’amasanamu adasa neza Kandi iri muri Numerique, n’ibindi bitari bike.
Iyo nkuru nkuko bisanzwe RTNB yasangijwe Ku rubuga rw’abo Twitter, noneho abandi babona gukora ico bita Retwitte, kugira n’abo babwire abandi iyo nkuru nziza.
Nk’uwo twabashije kubona yabisangije abamukurikirana ni Burundi On the Map, yabwiye abatwip ngo nibikomere amashi, kuko ngo hari hageze ko haboneka impinduka Kuri iyo mboneshakure n’insamirizi nkuru.
Mu bagize ico bashikiriza harimwo abakengurutse, abandi bavuga ko ko imbere yo kuryoherwa bobanza bakarindira kubona ivyavuye muri iyo nama yateraniye ku mugwa mukuru wa Politique.
Uwitwa Jimmy Nzi, asanzwe ari umwe muri ba gafotozi bakomeye mu gihugu, yanditse asaba ko abarundi boca bamusabira akazi muri iyo mboneshakure y’igihugu izoba ibaye nshasha.
Uwiyita Cossi akaba nawe Kuri urwo rubuga nyene yavuze ko hampande y’itunganywa ry’itwarwa ry’iyo mboneshakure n’insamirizi nkuru, ngo hakwiye n’ukurabwa ikijanye n’ubwiza bw’inyubako z’ico kigo.
Yagize Ati :” Rtnb kweli, isubigwemwo muri vyose, hatibagiwe gutegura neza ikigo mubijanye n’ubwiza, jardins, inyubako etc hase neza navyo birakenewe. Kuko turakora ugasanga ibigaragara mumaso turavyibagiye”
Ubu rero abatari bake Kuri izo mbuga hwaniro bategerezanye igishika, Ibiza kuva muri iyo nama, cane cane Ibiza gufatwa ku kijanye n’iryo tunganywa gushasha ry’imboneshakure n’insamirizi nkuru vy’igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 561