Umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye n’umutambukamyi wiwe n’abo bakaba bateye iyindi ntambwe.
Hampande ya Compte y’Umukuru w’igihugu, y’ibinyamakuru, n’abaririmvyi, imigambwe n’abanye politique bamwe bamwe, na Compte ya Twitter y’umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu Angelique Ndayishimiye yabaye Verified.
Mu misi iheze, twari twagarutse ku ma Compte ari Verified Kuri urwo rubuga rwa Twitter, aho zitari umurengera, kuko bitari vyoroshe kugira ubashe guhabwa ico kimenyetso cemeza ko ari wewe nyene iyo Compte Twitter.
Uko imisi igenda, niko urwo rubuga rubandanya ruryohora uburyo bwo kuronka ico kimenyetso kidasanzwe kuri urwo rubuga.
Hampande y’uko urubuga rwa Twitter rw’uyu muvyeyi rwabashije kuba Verified, hari n’ibindi vyabashije guhinduka ku rubuga rwa Nyenecubahiro umukuru w’igihugu.
Nkuko mubizi, urwo rubuga rwa Nyenicubahiro rwo rumaze igihe ruri Verified, ariko icahindutse n’ubwoko bw’ako kamenyetso bwahindutse.
Umuce warusanzwe uzwi Kandi ari nawo yari yashizwemwo ukaba ari umuce w’abantu basanzwe, aho bahabwa akamenyetso k’ubururu. Ariko ubu ibintu bikaba vyahindutse.
Nkuko twabashije kubibona, urubuga rw’umukuru w’igihugu rufise, n’akabara gasa na Gray, aho gahabwa ama Compte akoreshwa n’ama Gouvernment canke abakuru b’ibihugu.
Ukubitiye ku mbuga zitandukanye z’abategetsi muri Afrika y’ubuseruko canke kw’isi hose, iryo harama rikaba ariryo harama bashiriweho.
Izindi Compte za Twitter z’ibiro vy’umukuru w’igihugu, canke Ubushikiranganji butandukanye zikaba zitarabasha kuronka ako kamenyetso kemeza ko ari iz’ubwo bushikiranganji nkuko biri mu bindi bihugu.
Aha mukamenya ko Elon Musk nyene Twitter aheruka kumenyesha ko kugira ako kamenyetso ku rubuga rwawe rwa Twitter, ari ngirakamaro, kuko bituma urwo rubuga rushira imbere cane ivyawe gusumba ivy’abandi batagafise.
Nayo kugira ubashe kukaronka, hakaba hari ikiguzi bisaba kuko bigusaba kuriha buri kwezi amafaranga angana n’ama $8, hampande y’ivyangombwa bagusaba.
Ku ruhande rw’ababakurikirana, Nyakubahwa akaba amaze kurenza abamukurikirana barenga 150,000 Kuri Twitter, nayo umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, akaba nawe amaze kurenza 60,000 bamukurikirana Kuri urwo rubuga rwa Twitter.