abakinyi bakina hanzefootballhomepageintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Se wa Nestory Irankunda yipfuza ko umwana wiwe akinira Uburundi

 

Rurandagaye Gédeon Se wa Nestory Irankunda yipfuza ko umwana wiwe akinira Intamba mu rugamba.

Ivyo akaba yabivugiye mu kiganiro yaraye akoranye na Indundi Tv aho yashoboye kuvuga ubuzima bwiwe bw’umupira w’amaguru hamwe n’ubuzima bw’umupira bw’Umwana wiwe Irakunda Nestory amaze kugurwa n’umurwi wa Bayern Munich wo mucicaro ca mbere mu gihugu c’Ubudagi .

Mu kiganiro yakoranye na Indundi Tv twarashoboye kumubaza ikibazo c’igihugu abavyeyi biwe babona ko yokinira hagati y’Uburundi hamwe na Australia , Se wiwe akaba yishuye ko umwana wiwe ari umurundi kandi ahora avyerekana no kumbuga ngurukanabumenyi ko akunda Uburundi.

Inyuma y’ico kiganiro twarashoboye kwegera umumenyereza w’Intamba mu rugamba Etienne Ndayiragije kugira atubwire ko yoba yamaze kuyaga n’uwo mukinyi , akaba yatwishuye ko bamaze kuyaga nawe ariko uwo musore wewe yamubwiye ko yipfuza gukinira igihugu ca Australia.

Uburundi buracafise ikibanza co gutahukana uwo musore bivanye n’uko amaze gutumwako mu murwi nserukira gihugu wa Australia mu rukino rwa kivandimwe ariko akaba ntiyigeze aboneka mu kibuga muri urwo rukino.

Mwomenya ko uwo mukinyi yavukiye mw’i kambi yo muri Tanzania Induta mu gihe abavyeyi bose biwe ari abarundi .

 

Kurikirana ikiganiro Se wa Irankunda Nestory agiye gukinira Bayern Munich yakoranye na Indundi  tv 👇🏿👇🏿👇🏿

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 664