Ikibuga citiriwe Intwari kibandanya gishigikirwa ku buryo bushimishijwe .
Hari kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 13 rusama 2023, aho abarongoye Ibimenyeshamakuru bikorera ku mbuga ngurukanabumenyi ( Medias en ligne) bari baramutse bifadikanya n’indongozi z’igisagara ca Bujumbura mu bikorwa rusangi ku kibuga c’inkino c’umupira w’amaguru Intwari .
Abo barongoye ivyo bimenyeshamakuru baciye baronkeraho n’akaryo ko guterera mw’iterambere ry’igihugu biciye mw’ibusirwamwo ry’ico kibuga maze giheze kibe ikibuga mpuzamakungu gikwije ibisabwa na FIFA bakaba baraterereye imifuko 80 y’isima .
Général de Brigade de Police Jimmy Hatungimana asanzwe arongoye igisagara ca Bujumbura ari nawe yari ahagarikiye ibikorwa rusangi vyo kuri uwo musi , yashimiye ibi menyeshamakuru bikorera ku buhinga ngurukanabumenyi vyashoboye gutanga iyo ntererano mu gusahiriza kugira igihugu gitere iteka mu kugira ikibuga mpuzamakungu gikwije ibisabwa .
Akaba yarangije avuga ko mu kwezi kwa Ruheshi igenekerezo rya 30 umwaka 2023 bashobora kuzokorera igiteramo gikomeye kuri ico kibuga ata gihindutse.
Mwomenyako ico kibuga Intwari kuzokwakira abantu bashika ku bihumbi 18,000 .