Umunyegori w’Intamba mu rugamba abandanya akora vyiza mu murwi Costal Union .
Inyuma yo kugurwa mu gihugu ca Tanzania mu muri Costal Union ikina mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania umunyegori w’intamba mu rugamba Justin Ndikumana abandanya yandika amateka, ibiriko bituma n’umurwi wa Simba Sc umurondera bimwe bikomeye .
Mu nkino 8 aheruka gukina amaze kugira kudatsindwa inkino 5 (Cleansheet 5 ) . muri izo nkino 8 umurwi wiwe wa Costal Union Fc wakinye Justin Ndikuamana ari mw’igori watsinze inkino 4 unganya 3 utsindwa urukino rumwe gusa.
Mwomenya ko Justin Ndikumana asanzwe akinana n’uwundu murundi muri uwo murwi yitwa Nimubona Emery batazira ( Kadogo).