homepageUncategorized

Inkozi z’ikibi ngo ni ziteshwe zite kuko Fablice Manilakiza yitavye umuhamagaro w’Imana

Hari hamaze imisi havugwa menshi Ku mbuga ngurukanabumenyi Ku bijanye na wa mugambi w’inyubako rusangi z’uburaro bugezweho zazanywe n’umu diaspora azwi kw’izina rya Fablice Manirakiza.

Uwo mugabo yagirijwe kuba yarakoranye n’aba Ntekumutwe kugira basahure umukenyezi w’umu diaspora aba mu Bubiligi, anamwagirigiza kandi guteka imitwe yo kwiba aba diaspora afadikanije n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Jimmy Hatungimana, ivyo Manirakiza yise gukoregwa inkono ishushe.

Ivyo bika vyahavuye bibeshuzwa na bagenziwe kuri uwu wa 16 Rusama bari bashitse Ku kibanza kuraba inzu baguze muri 18 ziri mu mugambi Fab Hommes muri karitiye Miroir hafi y’ikibuga c’indege.
Bakaba bamenyesheje Ko Fablice ivyo akora birimwo ukuboko kw’Imana kuko ngo yabakijije ibibazo vyinshi vy’aba basahuye kera.
Ivyo bikaba vyemangwa na Fablice ubwiwe aho avuga ko we yitavye akamo K’Umukuru w’Igihugu hanyuma Imana imuha intumbero, ico akora n’ugushitsa icipfuzo cayo gusa.
Abajijwe n’abanditsi n’abamenyeshamakuru K’uvyamuvuzweko Fablice yamenyesheje ko ata muntu bafitaniye ikibazo kandi atanuwo bazokigirana kuko we icamuzanye ari ugufasha mw’iterambere ry’igihugu no guhindura ishusho ryaco , nayo ngo uwoba azi Ko hari ico yamurenganijeko ngo yokwitura ubutungane.

Imigambi Manirakiza afitiye igihugu camwibarutse ikaba ari myinshi cane ngo ntiyomutuma ahemuka.
Ayo akaba ari amwe mu majambo yashikirijwe abanditsi n’abamenyeshamakuru mugihe yari yabatumyeko kugira bamenye vyinshi mu migambi ariko ararangurira mu gihugu ca mwibarutse.

Vyinshi mubisanga muri vidéo Aho musi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 535