Entertainmenthomepage

Vichou Love ivyagiye gukorera muri Quatar vyamenyekanye

Vichou love uretse ingendo yaramaze gukorera mu Rwanda ,Ouganda,Dubaï ..….. ubunaho agomba akubitire muri Quatar, mwibaza ko ari ibikorwa nyabaki bimutwayeyo?

Kiretse ko yiteguriye Igiteramo kidasanzwe kw’igenekerezo rya 16 Ruheshi 2023 kuva isaha imwe y’ijoro gushika bukeye kikazopera kuri La pirogue. Igiteramo c’imboneka rimwe aho kw’injira izoba ari umuriyoni ku meza y’abantu batanu.

Imbere y’ ico giteramo ngo agomba abanze akubitire muri Quatar gukora amasanamu y’indirimbo zibiri .

Mu kiganiro yakoranye na Indundi Magazine yavuze ko atarashima kuvuga indirimbo azokorera amasamu ariko n’imbere yuko ahaguruka i Bujumbura azobanza gusohora indimbo imwe atarashima kuvuga ko izoba iri m’urukurikirane rwiwe yise “Ikete”ruzoba ruhurikiramwo abaririmvyi batandukanye nka R Flow,we Love muziki,kingorongoro n’abandi harimwo n’abanyamahanga atarashima kuvuga akazoyishira ahabona muri icogiteramo ciwe kakazoba ari n’akaryo ko gusangira n’abakunzi biwe kuko izoba ari n’itariki y’isabukuru y’amavuko yiwe.

Ngo muri the Fighter ingendo ntizigarukiye ngaho bakazotumenyesha ibindi bihugu azoca ajamwo mu kubandanya bagura ibikorwa vyabo

Akajambo kamwe kuri vichou love

What's your reaction?

Related Posts

1 of 547