abakinyi bakina hanzefootballhomepagekirundi_Sports

# Indundi Sports | Umurwi Bs Dynamic ntiwemeye ivyavuye mu matohoza yakozwe na FFB ngo ugiye kwunguruza urubanza

Umurwi Bs Dynamic ukina mu cicaro ca mbere muri Primus League wahanishijwe impaga biturutse ku giturire bivurwa ko woba waratanze mu rukino rwa Primus league rwari rwabahuje na Athletico New Oil .

Urwo rukino rwari rwarangiye umurwi Dynamik Fc wirahiye umurwi Athletico New Oil ibitsindo 2-0.

Inyuma y’urwo rukino haravuzwe amajambo atari make avuga ko umurwi wa Bs Dynamic woba waratanze amahera kuri New Oil kugira uwo murwi utsindwe.

Inama ijejwe indero mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi yaciye ikora amatohoza yimbitse isanga umurwi wa Bs Dynamic wakoresheje igiturire ku bakinyi ba Athletico New Oil Academy .

Ibi hano akaba ari ibi bikurikira :

-Umurwi wa Bs Dynamic wahanishijwe impaga ni ukuvuga waciye wakwa amanota 3 hamwe n’ibitsindo 2 wari watsize .

– Umumenyereza wabo mukuru Niyonkuru Jumaine yahanywe imyaka 5 adakora umwuga uwariwo wose ujanye n’umupira w’amaguru aca asabwa ko nimba aza kwunguruza urubanza azobikore kuva ku ma genekerezo ya 17 hushika 23 Rusama 2023 . Akaba yaciwe kandi n’indishi y’amafaranga imiriyoni 10 nayo akazoyariha gushika kw’igenekerezo rya 17 Mukakaro 2023 .

– Uwundi yahanywe ni Ferouz Haruna yigeze kuba icegera c’umumenyereza wa Athletico New Oil Academy umwaka uheze nawe akaba yahanishijwe imyaka yiwe yose kudakora ibijanye n’umumpira w’amaguru.

Amahera Umuriyoni ( 1.000.000 FB)  Dynamic yari yatanze ku murwi Athletico New Oil Academy , Nduwayezi Clovis yasabwe kuyasubiza kuko kuva igihe bayarungika yari akiri mw’iterefone yiwe .

Inyuma y’ivyo bihano Bs Dynamic yafatiwe Indundi Sports twegereye uburongozi bw’umurwi wa Bs Dynamic nabo bukaba bwatubwiye ko bagiye kwunguruza urubanza kuko batemeye ivyavuye mu matohoza .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 663