Nta wuzi ko Harmonize azogirako ava muri Amerika aja muri Sweden, canke azoca i Bujumbura guhitana Sat-B ngo bajane, ariko ikizwi co nuko bose bamaze gushirwa kuri Affiche ya Festival izobera muri Sweden, neza neza I Gothenburg, hamwe n’abandi baririmvyi b’ibihangange bo muri Afrika.
Uribuka mu mwaka uheze, Nelly Nat ashusha imitwe abatari bake ngo nibareke kubesha abantu Esther Nish ntari mu gitigiri c’abari batumiwe mu giteramo cari kubera muri Sweden?
Ico ndabikundira, nuko n’ibimenyetso yarabifise, ama Cover aho uwo mwigeme Esther Nish uno musi akunzwe kwitwa Mama Lao y’aba aboneka nkaho umengo bamwometseko ntibavyikoreye.
Ubu naho sinzi ico azohava ashikiriza, ubu habonetse umuririmvyi Sat-B, mu gitigiri c’abaririmvyi bari muri ico giteramo nyene kizoba uno mwaka muri Sweden.
Mu mwaka uheze hamenyeshejwe ko kubera Imvo za ca Kiza catera isi, arizo zatumye ico giteramo kitabasha kuba, ariko abantu barashushe imitwe ngo nta cari kuba.
Abarundi ntimubazi uko twama, n’ubu abantu bahakanye kwemera, ngo ibiteramo bamaze kwerekwa ama Cover ariko bikarangira umuririmvyi atavuye mu gihugu, ngo ni vyinshi, ngo bazovyemera babibonye.
Ibi bikaba biciye bihurirana n’uko Sat-B ata gishasha arashikiriza ku kijanye n’uruhererekane rw’ibiteramo bari bashikirije hamwe na Management ya Bukiv Lab bakoranye muri listening party ya Hello, Africa. Urwo ruhererekane rukaba rwari rwitezwe kubera ku mugabane wa Buraya.
Nkuko twabashije kubibona ku rubuga rw’ico giteramo, Sat-B ari mu baririmvyi b’abany’Afrika batari bake bazoteramisha abazitabira iryo sabukuru rizwi nka One Love Africa Music Festival.
Abaririmvyi b’abanyafrika bazoboneka bazoba bava mu bihugu nka Nigeria, Tanzania, Ghana, hamwe n’abazoba baserukiye ibindi bihugu vyo muri Africa nka Togo, Nigeria na Gambie ariko basanzwe baba muri Sweden nyene.
Naho hamenyekanye ko uwo muririmvyi ari mu gitigiri c’abaririmvyi bazitabira ico gikorwa kizobera ahitwa Gothenburg, igisagara kiri mu burengero bw’ico gihugu, uwo muririmvyi co kimwe n’abo bariko barafasha bararuciye bararumira ku kijanye na VISA y’uwo muririmvyi izotuma ajayo.
Muri ico gisagara nyene Gothenburg akaba ariho habarizwa wa mumenyeshamakuru mpuzamakungu w’umurundi mu nkino ariwe Steve Derrick, akaba asanzwe anahafise insamirizi Radio Africa For Hope. Ubwo tukizera ko tuzohava tubona agafoto barikumwe muri rwa rubura, eka n’amakuru y’urutavanako ku bijanye n’ivyo biteramo.
Abaririmvyi basanzwe bazwi bazoba barikumwe na Sat-b ni nka Harmonize, Yemi Alade, Skales, Slim Prince n’abandi. Ariko Kandi hakazoba hari n’aba DJ Bazoba bakomotse mu bihugu bitandukanye.
Iryo sabukuru rikaba rizomara imisi 2, kuva igenekerezo rya 1&2/9, ariko hakaba hataramenyekana ivy’amatike, kuko ku rubuga rw’iryo sabukuru handitse ko Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 20/5 ariho hazosohoka ivy’amatike yaco.
Bwa bucuti twari tugize imisi tubonamwo Sat-B n’ubuserukizi w’ubumwe bwa Buraya mu Burundi hamwe na Ambassadeur Bochu, tukaba ariho tuzoca tubona uko buhagaze. Bamwe mu bagarutse kuri ubwo bucuti, bakaba basavye ko Sat-B atosubira kubabwira ko yabuze ibijanye na VISA, ngo n’ayahandi ryoba ari ibara.
Sat-B muri Commentaire akaba we yashikirije ko bashobora kumuha ako karyo ko kujayo, canke ntibakamuhe kuri we ngo vyose ntaco bitwaye. Iyi nyishu abatari bake bakaba batayemeye kuko ngo umengo abifashe munenerwe.
Izi mpusha Sat-b akaba ataco ariko arazikorako, kuko kuva hasohoka Cover y’iboneka rya Sat-b, muri ico gitigiri c’abazoba bari muri iryo sabukuru nta kintu na kimwe arabasha kubishikirizako ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha.
Tukibaza rero nimba Sat-B na Zose all Media bariko barafashanya mw’itegurwa ry’ibiteramo vyiwe ku mugabane w’uburayi, batazohava baca bagirako nk’abaryi b’igisahira, baramutse bahonyoje ikirenge Kuri uwo mugabane.
Iyi Zose all Media iri mu bafatanyabikorwa b’iryo sabukuru nkuko twabashije kubibona Kuri Cover y’iryo sabukuru. Iyo nyene Ikaba ari imvukanyi na Company zizwi hano iwacu nka Bukiv Lab, na Digita Distribution kuko zose zitwarwa na Bacumi Jackson, azwi cane kuba amaze gukorana n’abaririmvyi batari bake, mu bijanye n’ugukora n’ukugurisha umuziki.
Sat-B niyitabira iryo sabukuru azoba abaye umuririmvyi w’umurundi wo muri runo runganywe atumiwe mu masabukuru akomakomeye nkayo, kuko uwigeze guseruka mu masabukuru mu bihugu bikomeye ni nka Steven Sogo amaze guseruka mu masabukuru yo ku Mugabane wa Buraya na Amerika. Muri Afrika ho yari yarahagize muhira.
Naho biri uko, ibibazo vyo ntibibura, tukibaza igituma habonetse Sat-B muri iryo sabukuru, ariko ntihasubire kuboneka Esther Nish yari yabonetsemwo mu mwaka uheze.
Tukibaza nimba bifitanye Isano n’ivyavuzwe kw’ikinjura rya Esther Nish muri Management ya Bukiv Label, hamwe n’ubucuti bwasubiye gukomera hagati ya Management ya Sat-B, hamwe n’uburongozi bwa Zose All Media.
Tubitumbereza neza, nuko naho Esther Nish yavuye muri Management ya Bukiv Label, abandanya akorana na Digita Distribution, imwe mu nzu zisanzwe zibarizwa mu minwe ya Bacumi Jackson nyene.
Muvyo Bacumi yigeze kwandika ku bijanye n’ukutaboneka Kwa Cane Kwa Esther Nish, Bacumi yari yamenyesheje ko hari ikibazo c’uburyo bwo gushira muri uwo muririmvyikazi.
Nayo Nish akaba yigeze kumenyesha ko ubu aho ageze, ngo bisaba uburyo butari buke kuko akeneye Gutera intambwe ikomeye muri uwo Muziki wiwe.
Ku batavyibuka Kandi nuko ku kijanye n’ugukorana hagati ya Bukiv Label na Esther Nish, Bacumi yigeze kubwira Jimbere Magazine mu gihe bari bamaze imisi basubiye gushira umukono ku masezerano yo gukorana ko bagiye kumushiramwo amafaranga angana n’Imiliyoni 100 z’amafaranga y’amarundi mu kiringo c’imyaka 3 y’amasezerano.
Bukiv Label hampande yo kuba iri mu ziramvye Kandi zikibandanya gukora, Kandi bigashimwa, n’iyo Label ya mbere yumvikanishije umugambi ungana gutyo ku muririvyi w’umurundi.
Ayandi ma Label akaba akatari gake adakunze kuvuga ku gitigiri c’amafaranga, canke ngo bakorane n’umuririmvyi noneho barambane nkuko vyabaye Kuri Sat-B na Esther Nish, eka na Masterland kuko nayo bakoranye Kandi cane.
Bukiv Label ya Bacumi Jackson na Cristal Event ya Bizimana Paulin zikaba arizo Nzu 2 ziriko zirakorana n’abaririmvyi b’abarundi ngo basohoke igihugu, baje guca agafaranga hanze y’igihugu.