Entertainmenthomepage

Rachly Nish ubu ngo ari mu rukundo ntakinyegeza umukunzi

Rachly n’umuririmvyikazi akongera agakina amareresi, sivyo gusa kuko no murukino bita volley-ball ariyo muti vyose abishobora gute?

Nubwo ivyo vyose abikora hari haciye hafi amezi 5 adasohora indirimbo,ataboneka mu mareresi aboneka cane gusa muri volleyball mu nyishu yahaye Indundi Magazine ngo nuko yaguma afatirwa n’umwanya biboneka neza ko umwanya wiwe ubu mwinshi yitayeho volleyball cane, ariko ngo umuziki ntarota awuheba.

Igenekerezo rya 16 Rusama 2023 niho yashize ahabona indirimbo yiwe yise “Tumushime “indirimbo yo kuninahaza Imana, ikaba iri kuri youtube yiwe Rachly Nish.

Ku bibazo yagumye abazwa ko yoba yakijijwe kubera yahinduye umukenyuro ngo haba namba yaracishijemwo gusa arashimira Imana ivyiza igenda imukorera n’ukuntu yamuzigamye ntikizobuza ko aguma asohora n’indirimbo ziwe z’urukundo.

Nayo kuvyo yari yashikirije abakunzi biwe ku mbuga ngurukana bumenyi avuga ko ari mu rukundo yavyemeje icese yuko ari mu rukundo nubwo atashimye gushira ahabona uwo barikumwe mu rukundo ngo vuba azomugaragaza.

Ngo mugume murindiriye vuba hari niyindi ndirimbo agiye gusohora Ubu ntagiye kuza aratevya abakunzi biwe

Tubibutse Rachly Nish ari mubaririmvyikazi bakurikiranwa cane ku mbuga ngurukanabumenyi

Mubandanye mushigikira indirimbo yiwe “Tumushime”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 547