Basketballhomepagekirundi_SportsUncategorized

# Indundi Sports| Febabu na Assurance Bic baraye bateye umukono ku masezerano yo gukorana mu kiringo c’Umwaka

 

Ishirahamwe ry’umupira w’amaboko mu Burundi Febabu ribandanya rironka abarifata mu mugongo.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 25 Rusama 2023 ku biro vy’ishirahamwe ry’ubwishingizi Assurance BIC , ishirahamwe ry’umupira w’amaboko Febabu ryaraye riteye umukono ku masezerano y’umwaka yo gufashanya hamwe n’ishirahamwe Assurance BIC.

Kubwa Ngendabanka Joel arongoye Assurance BIC avuga ko ayo masezerano bagiraniye na Febabu ari ayo guteza imbere urwaruka biciye mu rukino rw’umupira w’amaboko Basketball.

Appotre Manirakiza arongoye Febabu arakenguruka cane kubona iryo shirahamwe ryemeye kubafata mu mugongo kuko mu kibuga haba hakenewe ama Assurance .

Mwomenyako iryo shirahamwe ribaye irigira kabiri rifashe mu mugongo iryo shirahamwe rya Basketball inyuma ya DH Imprimerie.

Mwomenya ko amasezerano y’ukwo gufashanya hagati ya FEBABU n’a assurance Bic  ibijanye n’uburyo bizotwara bitegezwe bimenyeshwa abamenyeshamakuru kumwe n’abakunzi b’iwo muhira.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 661