Home homepage Mu kurondera abayiraba Lolilo yitwaje umupira w’amaguru

Mu kurondera abayiraba Lolilo yitwaje umupira w’amaguru

Mu kurondera abantu baraba indirimbo yiwe nshasha, Guitar, Lolilo yitwaje urukino rw’umupira w’amaguru avuga ko akunda cane. Aho akaba yasavye abamukurikirana ko ngo bogira umutima nk’uw’abakinyi b’umupira w’amaguru.

Abakina uwo mukino Lolilo avuga ko akunda cane ngo bakina bizeye abandi, kugira babashe kuronka intsindi. Uwo muririmvyi wa Guitar akaba yaciye afatira aho nyene asaba abamukurikirana  kuraba iyo ndirimbo kuko ngo akeneye ico mu kinyamakuzuru bita Vues kuribo, co kimwe no kwiyandikisha kuri urwo rubuga kugira bazohore babona n’ingoga ivyo ashizeko, Suscribe.

Ivyo bikaba bishikirijwe mu gihe iyo ndirimbo nayo iri mu ndirimbo ndundi ziriko zirabwa cane ku rubuga rwa Youtube, ikaba mu ndwi imwe imaze isohotse imaze kurabwa incuro zirenga 31,000,  abamaze kuyikunda barenga 1,400 kuri urwo rubuga nyene. Abarenga 400 nabo bakaba bamaze kugira ico bayishikirizako.  

#indundi | Riche

Facebook Comments

Most Popular

Kirikou ngo Big Fizzo aharanira inyungu za buri muririmvyi wese w’Umurundi

https://www.youtube.com/watch?v=WQtmaXoJaK0 Big Fizzo kumusubiriza ngo ntibizoroha, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Kirikou Akili akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook. Muri ubwo butumwa yashikirije kuri urwo rubuga, yamenyesheje ko...

Education : Bazindutse bugariza ishure

Abavyeyi barereye kw’ishure ryitiriwe inyenyeri riri i Maramvya muri komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura, bazindutse kuri uyu wa gatanu bugariza iryo shure. Abo bavyeyi...

Abibaza ko coronavirus yaheze ngo ni ukwihenda cane.

Muri ino minsi haribonekeza ukudebukirwa mu kwikingira coronavirus, aho abantu badatinya gukoranako mu kuramukanya, mu kutubahiriza imetero hagati y'umuntu n'uwundi nayo gukaraba vyo vyabaye...

Ngo nta mbuga ngurukanabumenyi za Facebook akoresha

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida aramenyesha abarundi n’amakungu ko umushikiranganji Thaddée Ndikumana ata mbuga za Facebook akoresha. Ivyo Jean Bosco Girukwishaka...

Facebook Comments