Home homepage Girukwishaka Michel agiye gukinira Olympic Star

Girukwishaka Michel agiye gukinira Olympic Star

Uwahoze ari umukinyi wa Vital’o Fc mu myaka iheze umukinyi w’inyuma Girukwishaka Michel agiye gukinira umugwi Olympic Star w’i Muyinga. Akaba yashize umukono ku masezerano yo gukinira uyo mugwi mu kiringo c’amezi 6.

Michel akaba ari umwe mu bakinyi bafise imyaka myinshi bakina muri Primus ligue Burundi akaba ari no mu bakinyi bafashije Vital’o Fc gutwara igikombe ca CECAFA Kagame Cup cabereye muri Soudan mu mwaka wa 2013.

Akaba nk’uwusubiye mu rugo kuko mu mwaka wa 2016 yakiniye uyo mugwi wa Olympic Star.

Yaciye mu migwi nka Vital’o Fc, Musongati Fc, Prince -Louis hamwe na Olympic Star asubiye gukinira.

Facebook Comments

Most Popular

Ngo nta mbuga ngurukanabumenyi za Facebook akoresha

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida aramenyesha abarundi n’amakungu ko umushikiranganji Thaddée Ndikumana ata mbuga za Facebook akoresha. Ivyo Jean Bosco Girukwishaka...

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe bashitse amarembe i Libreville

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Angéline Ndayishimiye bashitse impore amarembe i Libreville ku murwa mukuru w’igihugu ca Gabon aho bagiye...

Diaspora: Amarushwa ashobora gushikira umuntu kubera ari mu mahanga.

Ba Sokuru nibo bayamaze bati amahanga aragurana! Twihweje igitabo citwe "The Seven habitis of Highly effective people" candistwe n'uwitwa STEPHEN Corvey, turasangamwo ahantu avuga ko...

Diaspora News : Dusenge Ketty Ange asubiye guserukira Uburundi mw’ihiganwa mpuzamakungu

Abicishije kumbuga ziwe, ni Dusenge Ketty Ange yatumiriye abarundi n’abarundikazi kumushigikira mu kumutora kuba umunyamideri w’umwaka aho yanditse ubutumwa agira ati: “Nitwa DUSENGE Ketty Ange...

Facebook Comments