Home featured sport Coupe du President : iyi niyo migwi igiye guhura mu gice...

Coupe du President : iyi niyo migwi igiye guhura mu gice ca 16 gishira icanyuma

Kuva kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 10 gushika igenekerezo rya 13 Nzero umwaka wa 2019 ihiganwa ry’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu rizoba rigiye kubandanya mu gice ca 16 gishira icanyuma.

Uku Niko imigwi igiye guhura mu gice ca 16 gishira icanyuma:

Ku musi wa Kane igenekerezo rya 10 Nzero :

  • I gitega isaha indwi Vital’o izohura na Lumière de Mwumba
  • Igitega Isaha icenda n’igice 15h30 Les lierres Fc izohura na Unité Fc y’Imuyinga
  • I muyinga isaha icenda 15h00 Flambeau du centre izohura na Delta Star Gatumba
  • Ivyizigiro isaha indwi 13h00 Rukinzo Fc izohura na les crocos yo mu Rumonge
  • Ivyizigiro Isaha icenda n’igice 15h30 Buja city izohura na Sangwe Fc Bururi Ku musi wa gatanu igenekerezo rya 11 Nzero :
  • I muyinga isaha icenda 15h00 Messager Ngozi izohura na Muzinga Fc
  • Mu Ruyigi Isaha icenda 15h00 Musongati Fc izohura na BDS Dynamic
  • Igitega Isaha icenda 15h00 Aigle Noir ya Makamba izohura na Busoni Star
  • kunkibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore isaha icenda 15h00 Kayanza Unites izohura na les jeunes Athletic

-Ku musi wa Gatandatu igenekerezo rya 12 Nzero :

  • Ivyizigiro Isaha indwi 13h00 Messaged Buja izohura na Butare City
  • Ivyizigiro Isaha icenda n’igice 15h30 Athletic Olympic izohura na Moso sugar
  • Ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko rwagasore Isaha Icenda 15h00 Bumamuru Fc izohura na Top Junior
  • I Igitega Isaha Icenda 15h00 Flambeau de l’est izohura na Royal y’imuramvya Ku musi w’Imana igenekerezo rya 13 Nzero:
  • Igitega Isaha indwi 13h00 LLBS4A izohura na Rumonge city
  • Igitega Isaha icenda n’igice 15h30 Olympic Star izohura na Inter Star
  • Urukundo Isaha icenda 15h00 Ngozi City izohura na Santé Fc Ngozi
    [10:40, 1/9/2019] gibbonjohn9: Muhammed Salah yasubiye gutorwa nk’umukinyi mwiza w’umunya Africa yaranze umwaka

Umunya Misiri Muhammed Salah akinira umugwi Liverpool yasubiye gutorwa incuro igira kabiri n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa CAF nk’umukinyi mwiza w’umunya Africa yaranze umwaka wa 2018-2019 inyuma yo gutorwa nk’umukinyi mwiza yari yaranze umwaka wa 2017-2018.

Salah w’imyaka 26 y’amavuko akaba yatsinze mugenzi we w’umunya Sénegal basanzwe bakina hamwe hamwe n’umusatirizi wa Gabon akinira Arsenal ariwe Pierre Emerick Aubameyang.

Akaba yaraye ahawe ako gashimwe mu birori vyabereye mu gihugu ca Sénegal kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 8 Nzero umwaka wa 2019.

Uyo mukinyi Salah akaba yaratsindiye Liverpool ibitsindo 44 wenyene mu mwaka wa 2017-2018 no gufasha Liverpool gukina urukino rw’anyuma final ya Champions league naho bigeze kuba batsindwa na Real Madrid .

Muri kino gihe amaze gutsindira Liverpool ibitsindo 16 mu nkino 29 zose amaze gukina.

Facebook Comments

Most Popular

Abaforomakazi bo muri Ghana bafise ikibazo c’ukubura abagabo

https://www.youtube.com/watch?v=37rxy3pL9aE Abatari bake mu baforomakazi bo mu gihugu ca Ghana barafise ibibazo bikomeye bijanye n’ukutarongorwa, iyo ikaba ari imyidogo yashikirijwe na bamwe mu kiganiro bahawe...

George Gatogato na Paficque mu bahagarikizi bazohagarikira CHAN 2021

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Kigarama 2020, igisata kijejwe gutora abahagarikizi bazohagarikira inkino mpuzamakungu muri CAF cashize ahabona abahagarikizi mpuzamakungu bazohagarikira inkino...

Abakinyi ba Messager Ngozi bashitse neza i Bujumbura

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Kigarama 2020, niho umugwi Messager Ngozi washika i Bujumbura uvuye Eswatini gukina urukino rwa CAF Champions league...

Ubwoko bw’ubuja bwibonekeza mu gihe ca none

Ubuja bwo mu gihe ca none ngo bugizwe ahanini n’urudandazwa rw’abantu, ugukoresha abantu mu rudandazwa rw’igitsina, ikoreshwa ry’abana, ukurongoza abantu ku nguvu, hamwe no...

Facebook Comments