Home homepage Intamba zanyagiye Mauritius mu rukino rwa mbere

Intamba zanyagiye Mauritius mu rukino rwa mbere

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 16 Nzero 2020 isaha zitandanu z’umurango 12h00 niho umugwi w’Intamba mu rugamba waserukiwe n’umugwi Aigle Noire wari ufise urukino rwa mbere n’umugwi nserukira gihugu wa Moritius mu rukino rwa mbere rwo mw’itsinda B ry’ihihiganwa rya Golden Cup ririko rihuza imigwi nserukirabihugu mu gihugu ca Bangladesh.

Muri urwo rukino rwarangiye intamba mu rugamba zinyagiye Moritius ibitsindo 4-1.

Ibitsindo bitatu bikaba vyinjijwe na Nshimirimana Jospin mugihe kimwe catsinzwe n’uwitwa Narcisse Asman.

Intamba mu rugamba zikazosubira gukina ku musi wa gatandatu n’umugwi nserukira gihugu wa Seychelles.

Facebook Comments

Most Popular

Umugwi ndangakaranga AMAGABA ugiye guserukira igisagara ca Bujumbura ku murwa mukuru wa Poritike

Inyuma yaho umugwi ndangakaranga Amagaba babaye aba mbere mu migwi cumi ivuza umurisho w’ingoma i Bujumbura ngo bagiye guserukira igisagara ca Bujumbura muntara ya...

Makamba : Ibikorwa bigeze ku rugero rushimishije

Ibikorwa vyo kwubaka ikiraro ca Nyabusunzu kiri kw'ibarabara ry'igihugu inomero 11 (RN11) rica Mabanda- Makamba- Rutana- Cankuzo) ngo bigeze ku ntambwe ishimishije. Bishikirizwa na...

# Indundi Sports| Umurundi niwe agiye kumenyereza Azam Fc vy’imfatakibanza

  Umugwi Azam Fc wasezereye uwahoze ari umumenyereza wawo mukuru Aritstica Cioaba n’uwundi yama akoresha imyimenyerezo yo kugorora imitsi. Azam Fc yahisemwo gusezerana nabo bamenyereza bamaze...

Kirikou ngo Big Fizzo aharanira inyungu za buri muririmvyi wese w’Umurundi

https://www.youtube.com/watch?v=WQtmaXoJaK0 Big Fizzo kumusubiriza ngo ntibizoroha, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Kirikou Akili akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook. Muri ubwo butumwa yashikirije kuri urwo rubuga, yamenyesheje ko...

Facebook Comments