Home homepage Bruce Melodie yasabwe indirimbo ivuga ku mwigeme agisibije muri Miss Rwanda

Bruce Melodie yasabwe indirimbo ivuga ku mwigeme agisibije muri Miss Rwanda

Bruce Melodie adasohoye indirimbo ivuga kuri Mwiseneza Josiane ariko Arabica bigacika muri Miss rwanda ngo nashake abe arirekera gusohora indirimbo.

Bruce Melodie yasabwe kuririmba ku mukobwa ariko Arabica bigacika mu majonjora  ya Miss Rwanda 2019. Uwo mukobwa akaba ariko avurwako cane inyuma yaho agiriye kwitoza muri ico gikorwa akagenda n’amaguru mu gihe abandi bo bagenda bagenda n’imiduga.

Ubwo busabe bukaba bwabereye ku rubuga rwa Instagram asanzwe akoresha aho yariko abaza nimba yobashirira ahabona akandi karirimbo canke ko yobanza kurindira. Akaba yishuwe ko indirimbo bokwakira ariyoza irimba uwo mwigeme nayahandi izindi zose ngo zoba impfagusa.

Uwo mukobwa agisibije I Kigali akaba amaze gusabirwa kuba Miss Rwanda ata kirinze gusabwa n’abatari bake mu bariko barakurikiranira hagufi ico gikorwa. Kubera ukumenyekana cane bisigaye binamugora kwiyunguruza, aho hatorwa 20 bazoja mu mwiherero yahawe imodoka n’uwumucungera umutekano kugira bamutahane aho asanzwe aba. Uwo mukobwa azwi kw’izina rya Mwiseneza Josiane akaba asigaye anaronka abamufasha kwambara co kimwe n’abamufasha gukora imishatsi mu gihe agitangura abatari bake bamutera ivyatsi kuko atasesuka, ariko ubu bamwe bakaba babona ko atanguye guca

Facebook Comments

Most Popular

Kirikou ngo Big Fizzo aharanira inyungu za buri muririmvyi wese w’Umurundi

https://www.youtube.com/watch?v=WQtmaXoJaK0 Big Fizzo kumusubiriza ngo ntibizoroha, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Kirikou Akili akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook. Muri ubwo butumwa yashikirije kuri urwo rubuga, yamenyesheje ko...

Education : Bazindutse bugariza ishure

Abavyeyi barereye kw’ishure ryitiriwe inyenyeri riri i Maramvya muri komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura, bazindutse kuri uyu wa gatanu bugariza iryo shure. Abo bavyeyi...

Abibaza ko coronavirus yaheze ngo ni ukwihenda cane.

Muri ino minsi haribonekeza ukudebukirwa mu kwikingira coronavirus, aho abantu badatinya gukoranako mu kuramukanya, mu kutubahiriza imetero hagati y'umuntu n'uwundi nayo gukaraba vyo vyabaye...

Ngo nta mbuga ngurukanabumenyi za Facebook akoresha

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida aramenyesha abarundi n’amakungu ko umushikiranganji Thaddée Ndikumana ata mbuga za Facebook akoresha. Ivyo Jean Bosco Girukwishaka...

Facebook Comments