Home Burundi #Afrique de l'Est| Inzige ziriko zirabica bigacika, Kenya, Somalia na Ethipiya

#Afrique de l’Est| Inzige ziriko zirabica bigacika, Kenya, Somalia na Ethipiya

Nk’uko tubikura mu kinyamakuru” www.lemonde.fr/Afrique ” ngo inzige ziriko zirabica bigacika mu bihugu vya Afrika y’ubuseruko za Kenya, Ethiopia na Somalia.

Ishiramwe mpuzamakungu ONU ngo ryarateye akamo ritabaza hirya y’ejo ku musi wa mbere, aho rimenyesha ko atagikozwe ngo zituzwe izo nzige zizohava zisiga abantu mu kigoyi.

Ishirahamwe FAO, mw’itangazo ryashize ahabona , ku musi wa mbere , ryarateye akamo aho riminyesha ko bikenewe vuba bwango ko nyabuna izo nzige zihagurukirwa ku buryo budasanzwe zigatuzwa kuko ngo ari igitero gikomeye ku vyimburwa.

Iryo shirahamwo nyene FAO ngo rimeneyesha ko rikeneye vuba bwango amafaranga angana na millioni mirongo itandatu na zitanu , n’igice z’amafaranga y’amanyaburayi Euros ngo bakingire ivyimburwa muri ivyo bihugu biza vyatewe.

Abihweza uburake izo nzige ziriko ziratera ivyo bihugu, ngo n’ibihugu bibanyi biravye nabi bizohava biterwa.

 

Facebook Comments

Most Popular

Ibikorwa vyari bimaze imyaka 3 vyarahagaze bigiye gusubira gukorwa

Ibikorwa vyo kwubaka urugomero rw'umuyagankuba ku ruzi Mpanda bigiye gusubira gutangura. Urwo rugomero ruzotanga umuyagankuba ungana na megawate 10 n'ibice bibiri Ivyo ni ibiri mu...

Amabanki asaba inyungu z’umurengera asabwa kwikubita agashi

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye asaba amabanki y’ubudandaji kwikubita agashi mu kutazimba abanyagihugu ku nyungu asaba umuntu aba ayituye yipfuza kuyasaba ingurane. Ivyo yaraye abishikirije kuri...

Urwevu: Weho ni hehe washinze urusago? ( Canecane urwaruka)

Hiriya , mu gihande c'ibubafu, ku nkengera z'inzuzi z'i BABYOLNONI, benshi niyo bari.Ni benshi cane.  Imiyabaga , eka n'abakuze . Muti bariko bakorayo iki? Iyo bamwe...

Blaise Bigirimana yafashije Namungo Fc gutsinda Kagera Sugar

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 25 Nyakanga 2020, Umugwi Namungo Fc wari wakiriye umugwi Kagera sugar mu rukino rw'indwi ya 4 y'ihiganwa ryo...

Facebook Comments