Home africa news RDC : Abantu 15 baritavye Imana abandi batazwi igitigiri barabura irengero

RDC : Abantu 15 baritavye Imana abandi batazwi igitigiri barabura irengero

Abantu bagera kuri icumi na batanu nibo bamaze kumenyekana ko bitavye Imana n’ayo abandi bataramenywa igitigiri barabura irengero inyuma y’umukuba wadutse ku kiyaga kiri mu burengero bwa Repubirika iharanira demokarasi ya Congo ku mugoroba wo ku wa mbere uheze, igenekerezo rya 20 Nzero 2020.

Amakuru ashikirizwa na Buramatari wo mu ntara ya Mai-Ndombe Cosmos Mbo Wemba, amenyesha ko uwo mukuba wateye mu gihe hari ubwato bwarimwo abagabo n’abapfasoni baharurwa mu mirongo itatu bari bavuye ku maziko ku birometero bigera kuri 35 uvuye aho, maze bageze ahitwa Bankary ubwato buterwa n’umuyaga udasanzwe, uhitana igipande c’ubwo bwato barimwo.

Buramatari Mbo Wemba amenyesha ko gushika n’ubu bakiriko bararondera abo babuze irengero ko bobatora.

Twobamenyesha Mai-Ndombe co kimwe n’intara zitari nke zo muri ico gihugu kwiyunguruza bitoroshe bivanye n’uko amabarabara yaho atagendeka neza, ingendo nyinshi zikaba zikorwa ku mazi, ahama hadutse imikuba idasanzwe igahitana ubuzima bw’abantu kumvo z’uko n’ubwato butari buke bakoresha usanga bushaje hama kandi bagaca barenza ivyogenewe gutwarwa muri nya nzato.

Facebook Comments

Most Popular

Uburundi bwakuwe ku rutonde rw’ibihugu bizokwirwako n’inama mpuzamakungu ONU

Ni umunezero udasazwe ku Burundi n’abarundi aho bwasabiye ko bukurwa ku rutonde rw’ibihugu vyirwako n’inama mpuzamakungu ONU ijejwe ivy’umutekano. Ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umushikiranganji...

Agriculture: Ntacobuza ko ikigoti kimwe kivamwo ibiro birenga 20

Mu gihe igiterwa c’imyumbati citaweho neza, ngo ikigoti kimwe gishobora kuvamwo umwimbu ushimishije cane. Aho yari yagendeye intara ya Gitega neza na neza muri karitiye...

Abakinyi ba Musongati Fc bafashe urugendo berekeza muri Zambia

Mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 04 Kigarama 2020, niho umugwi Musongati Fc w’i Gitega wafata indege werekeza mu gihugu ca...

Ivyokorwa kugira ngo imyuzure igabanuke mu gisagara ca Bujumbura

Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura ngo barakwiye kwubaka amazu bisunze amategeko agenga ivyo kwubaka kugira birinde guterwa n'imyuzurira yama yibonekeza, ikonona ibintu bitari...

Facebook Comments