Home abakinyi bakina hanze # Eliminator WoIntamba za bigeme zasezerewe

# Eliminator WoIntamba za bigeme zasezerewe

Kuri uyu wa Gatandatu igenekerezo rya 25 Nzero, niho umugwi nserukira gihugu w’uBurundi mu murwi w’abigeme batarenza imyaka 17 wari wakiriye uwi gihugu ca Tanzania mu batarenza imyaka 17.

Urwo rukino rukaba rwarangiye Tanzania yirahiye Uburundi Ku gitsindo 1-0.

Urugendo rw’abigeme b’intamba mu rugamba rukaba rwaciye ruhagarira ngaho muri ayo mahiganwa yo gukurakuranamwo mu kurondera itike yo gukina mu nkino zanyuma z’isi yose mu bigeme batarenza imyaka 17.

Mukamenya ko mu rukino rwo gutangura rwabereye I Dar es salaam umugwi wa Tanzania wanyagiye Uburundi ibitsindo 5-1.

Facebook Comments

Most Popular

Education : Bazindutse bugariza ishure

Abavyeyi barereye kw’ishure ryitiriwe inyenyeri riri i Maramvya muri komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura, bazindutse kuri uyu wa gatanu bugariza iryo shure. Abo bavyeyi...

Abibaza ko coronavirus yaheze ngo ni ukwihenda cane.

Muri ino minsi haribonekeza ukudebukirwa mu kwikingira coronavirus, aho abantu badatinya gukoranako mu kuramukanya, mu kutubahiriza imetero hagati y'umuntu n'uwundi nayo gukaraba vyo vyabaye...

Ngo nta mbuga ngurukanabumenyi za Facebook akoresha

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida aramenyesha abarundi n’amakungu ko umushikiranganji Thaddée Ndikumana ata mbuga za Facebook akoresha. Ivyo Jean Bosco Girukwishaka...

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe bashitse amarembe i Libreville

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Angéline Ndayishimiye bashitse impore amarembe i Libreville ku murwa mukuru w’igihugu ca Gabon aho bagiye...

Facebook Comments