Home Burundi #Urwevu|Urwaruka| Icitwazo( excuse)'' Ntivyoroshe kabisa"! Kiratugeramiye.

#Urwevu|Urwaruka| Icitwazo( excuse)” Ntivyoroshe kabisa”! Kiratugeramiye.

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Ugahura n’umu jeuene yarahejeje amashure agaca yigira ngaho akicara kumwe kwa ya mpene yo muci, yavyara igaca ivuga ngo ahanje ndahejeje hasigaye ah’umurezi. Umukomye, ngo” Leta nta kazi irampa ngo ni ubugesera”. Uti ntivyoroshe kabisa!!

Agaheza rero akumva gutyo aratekaniwe kuko afise “excuse” yitwa “nta kazi nfise”. Gutyo mbere amakosa ntaheza ngo abe ari kuri we haba namba! Yoba afise amakosa gute kandi ari Leta yamyimye akazi?  Araheza akaryama agasinzira agasinzira mbere akongerako n’ukugona akagona!

Umubajije uti none umaze kugasaba hehe na hehe? Araheza kenshi akakwishura ngo” Mbe sha ivy’ubu ntibigoye udafise uwukuvugira si ubugesera”! Nawe uti” nivyo ntivyoroshe kabisa!!

Gutyo haba hagiyeko ni ica kabiri. Ubu si Leta gusa. Hariho n’ikibazo c’uko udafise umuntu akuvugira bica biba ubundi bugesera!  Uti none , uti emwe numva bigoye n’ukuri, nawe uti ” Ego nyene”!

Uti” none uzobigira gute?” Nawe ati” Ndacarindiriye.

Impanuro.

Twama tubivuga, Ntivyoroshe nyene, no se wagomba bigende gute? Nta Coroshe! Impanuro twoguha nuko muri kano kanya, hakuguma uja “town ” ngo ugiye guhura n’ ” abajama” muba muridogera hamwe ngo “Ntivyoroshe” canke mukaja gusangira agacupa kubera afise ” Sister” ari Canada yamurungikiye kuri Western, teka umutwe bwana wiyumvire. Fata aka kanya uri libre, ubandanye wiga nyamubuna. Hitamwo ikintu kimwe ubambirako uti iki kintu nico numva nokora mu buzima bwanje. Gura ibitabo, rondera amakuru kuri internet, soma, soma, bandanya usoma ufise passion. Rondera ahoba Bibliothèque publique canke privée, genda ukomeze wongereza agaciro kawe mu kiringo utararonka akazi, uzoheza usange mu misi mike nawe umaze kwigirira icizere kuburyo usanga biriko birakworohera kuja gusaba n’ako kazi henshi. Kuko ndakubwije ukuri ko naho warose diplôme ufise connaissances générales et pas spéciales. Burya muvy’ukuri kimwe mu bituma ushobora udasaba akazi henshi hoba harimwo akoba kinyegeje muri wewe gafatiye k’ukutiyemera bikwiye kuko ataco wumva umengo woba urushije barya bandi bose mwirirwa mwicaranye.

Facebook Comments

Most Popular

George Gatogato na Paficque mu bahagarikizi bazohagarikira CHAN 2021

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Kigarama 2020, igisata kijejwe gutora abahagarikizi bazohagarikira inkino mpuzamakungu muri CAF cashize ahabona abahagarikizi mpuzamakungu bazohagarikira inkino...

Abakinyi ba Messager Ngozi bashitse neza i Bujumbura

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Kigarama 2020, niho umugwi Messager Ngozi washika i Bujumbura uvuye Eswatini gukina urukino rwa CAF Champions league...

Ubwoko bw’ubuja bwibonekeza mu gihe ca none

Ubuja bwo mu gihe ca none ngo bugizwe ahanini n’urudandazwa rw’abantu, ugukoresha abantu mu rudandazwa rw’igitsina, ikoreshwa ry’abana, ukurongoza abantu ku nguvu, hamwe no...

Urwevu: Ukuborerwa vyoba bijanye n’agaciro ”ubuntu” ( la dignité) ?

Iyo umuntu yanyoye utuyoga rero akarenza kugera aho abantu bavuga ko yaborewe, haba hari ibintu vyinjsi vyabaye mu bwonko. Biba bisa n'ivyabaye nk'uruzi rwasebuye,...

Facebook Comments