Home Burundi Hasigaye imisi iharurwa ku rushi kugira ngo udusashe tuvanwe kw’isoko

Hasigaye imisi iharurwa ku rushi kugira ngo udusashe tuvanwe kw’isoko

Itegeko ry’umukuru w’Igihugu ribuza ikorwa n’irangurwa hakurya y’igihugu, ibikwa, idandazwa n’ikoreshwa ry’ubumwanya rishira isango ntarengwa ryo gukoresha isashe kw’igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2020.

Mugihe rero hasigaye iminsi itarenga 11 kugira tugere kuri iryo sango ubumwanya buracari bwinshi aho budandarizwa kandi n’ibitekerwamwo vyo kubusubiriza ntibiraboneka kurugero rushimishije, nkuko abadandaza batari bake bavyemeza.

Abarundi batari bake bakaba bagikoresha ubumwanya butabora kuko busanzwe buzimbutse. Isashe zikaba zigurwa amafaranga ijana, amajana abiri kuduga bivanye n’ubwoko bwayo. Ariko izo zose zigahurira ku kwonona ibidukikije kandi zikaba zitabora.

N’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS ribicishije mw’itangazo ryasohoye kw’igenekerezo rya 22 Myandagaro 2019, ryarasavye ko hogabanywa bimwe biboneka plastique kugira hakingirwe ibidukikije, ubuzima bw’umuntu ntibubandanye kuja mu kaga.

Itegeko ry’umukuru w’igihugu ribuza gukoresha ubumwanya ryateweko umukono kuwa 08 Myandagaro 2018, rikaba riha ikiringo c’amezi 18 abadandaza kugira babe baheraheje ubwo baranguye ayo akazorangira mu misi itarenga 11.

Amashirahamwe amwamwe akaba yabibonyemwo akaryo ko kwiteza imbere mu gukora ibisubirira ubumwanya naho impinga ikiri ndende, kuko bakora ivyo gutekeramwo bike ugereranije n’ubumwanya bukoreshwa ku munsi.

Ibintu vyose bikozwe muri plastique vyakoreshejwe bikaba bizosubizwa kwa benevyo harimwo amacupa ya plastique kugira bisubire guhingurwa nkuko bivugwa n’ingingo y’indwi y’itegeko ry’umukuru w’igihugu. Kugeza ubu ivyo bicupa n’ubumwanya vyakoreshejwe bikaba bitembagara hirya no hino mu miserege itwara amazi no mu mabarabara.

Facebook Comments

Most Popular

# Indundi Sports| Rallye yungururijwe ku yindi sango ku mvo z’urufpu rw’umunywanyi wayo

  Komite shingwa bikorwa (Exécutif)ya Club Automobile yo mu Burundi muri Rallye iri n’umubabaro mwishi wo kubamenyesha urupfu  giturumbuka rw’umunywanyi wayo. Niyonkindi Didier akaba yitavye Imana...

# indundi Sports | Jimmy Ndayizeye ngo Saidi Ntibazonkiza niwe azoheka Yanga Africans

  Umumenyereza mukuru w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba Jimmy Ndayizeye yavuze ko umukinyi w’intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza niwe azoheka umugwi Yang Africans mu...

# Indundi Sports | CECAFA U 20: Aba nibo bakinyi berekeye muri Tanzania

    ku w’Imana igenekerezo rya 22 Munyonyo 2022 niho abakinyi b’intamba mu rugamba y’abatarenza imyaka 20 berekeje i Harusha mu gihugu ca Tanzania mu ntumbero...

#diaspora| News|Umuco wa Japhet Legentil ku makenga ya bamwe n’abandi

Abenshi mu barundi baba mu mahanga (diaspora Burundaise), ntibabona kumwe itunganywa n’indinganiza za diaspora y’ Uburundi, eka n’indwi yahariwe umurundi aba mu mahanga bakayibona...

Facebook Comments