Home africa news Ikinyobwa gikozwe mu rumogi kigiye kuboneka

Ikinyobwa gikozwe mu rumogi kigiye kuboneka

Muri afrika y’epfo  habonetse ishirahamwe ryemeye gutangura kwenga n’ukudandaza inzoga ikozwe mu rumogi, nka hamwe basubiriye guhindura amategeko nkuko vyakozwe kw’ikoreshwa ry’ico giterwa.  

Poison City Brewing, n’ishirahamwe risanzwe rikora ibinyobwa muri afrika y’epfo. Iryo shirahamwe nkuko amakuru dukesha bagenzi bacu bakorera muri ico gihugu abivuga ngo bakora ibinyobwa 5, birimwo igiheruka gushirwa kwi soko mu misi ya Vuba.

Ico kinyobwa ciswe Durban Poison Cannabis lager, kikaba gikorwa mu giterwa c’urumogi. Abamaze kucihereza bavuga ko ata wabivuze ko gikozwe mu rumogi ngo atawopfa yabiciye n’ikanda.

Umwe mu batwara urwo ruganda rwenga iyo nzoga avuga ko inzira imwe yoroshe gucamwo amafaranga ari iy’ugatanga ibinyobwa, ico giterwa naco kikaba kimwe mu biterwa bikunzwe cane.  Bakavuga ko nka hamwe amategeko ahindutse biteguye gutangura kudandaza ku mugaragaro ico kinyobwa bafashijwe n’abafatanyabikorwa babo.

Ivyo bikaba bishizwe ahabona mu gihe muri afrika y’epfo igiterwa c’urumogi cakuwe mu gitigiri c’ibibujijwe gukoresha ku muntu bwite -Private-, aho hakaba hari mu kwezi kw’9 kw’umwaka wa 2018. Ariko iryo tegeko ryatowe rikaba ritemeje gukwirakwiza no kudandaza ico giterwa. Nayo ukwerekana ico giterwa ku mugaragaro navyo bikaba bigiteye amakenga ko vyoba vyemewe.

Mwomenya ko ibihugu bimaze kwemeza gukoresha ico giterwa ku mugaragaro biharurwa ku ntoke, kimwe murivyo akaba ari Canada giheruka kuvyemeza kuri uyu wa 17/10/2018, ngo bikunde bakureho abarudandaza mu kinyegero.

Facebook Comments

Most Popular

#diaspora| News|Umuco wa Japhet Legentil ku makenga ya bamwe n’abandi

Abenshi mu barundi baba mu mahanga (diaspora Burundaise), ntibabona kumwe itunganywa n’indinganiza za diaspora y’ Uburundi, eka n’indwi yahariwe umurundi aba mu mahanga bakayibona...

Basaba Reta n’abagiraneza kubagarukirako

Abanyagihugu bari muri site y’impunzi ya Kigarangamango ngo bamerewe nabi kuva bahungiye muri iyo site, hararenze amezi atanu. Bimwe mu bihanze abo banyagihugu bahungiye muri...

Ivyo basabwa kugira ngo irandagata ry’ikiza Covid-19 rigabanuke

Imiryango y'abarundi batahuka bava mu mahanga isabwa kwubahiriza imisi yo kuba ukwa bonyene mu ntumbero yo kurwanya Covid19. Bishikirizwa na Muganga Joseph Nyandwi, umuyobozi w'ikigo...

Uwoya yagarutse ku bimwagirizwa ko yoba ari ishetani

https://m.youtube.com/watch?v=5JqdE6e39HY Irene uwoya benshi bazi nka Oprah kubera ireresi yakinyemwo yitwa iryo zina, nawe haraho bishika akemeranya n'abatari bake ko ari ishetani "Jini" bivanye n'ubwiza...

Facebook Comments