Home homepage Musongati yaraye ifashe ikibanza ca mbere, uku niko imirwi yatsindanye.

Musongati yaraye ifashe ikibanza ca mbere, uku niko imirwi yatsindanye.

Kuva ku musi wa gatandatu, igenekerezo rya 29 Ruhuhuma, ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu Burundi, Primus League ryarabandanije ku wa ndwi igira 23.

Uku niko imirwi yatsindanye:

– Burundi sports Dynamic watsinzwe na Athletico Academy igitsindo 1-0

-LLBESAA yatsindiwe i Makamba n’umurwi wa Inter Star

-Kayanza United yanyagiye Olympic Star ibitsindo 3-0

-Les lierres yatsinzwe na Vitalo FC ibitsindo 3-1

-Aigle Noir yanganije i Makamba n’umurwi wa Ngozi City ibitsindo 4-1

-Messager Ngozi yanganije n’umurwi wa Bumamuru igitsindo 1-1

-Musongati FC inyagira umukeba wayo Flambeau du Centre ibitsindo 4-1

-Buja city yatsinze Rukinzo FC igitsindo 1-0

uko niko imirwi isumbasumbana amanota:

1 Musongati FC ifise amanota 46

2 Messager Ngozi ifise amanota 44 hamwe n’urukino rumwe ry’ikirarane

3 Vitalo FC ifise amanota 32

4 Flambeau du centre ifise a manota 39

5 Aigle noir ifise amanota 34 n’urukino rumwe rw’ikirarane

6 Bs Dynamic ufise amanota 33

7 Inter Stars ifise amanota 32

8  Bumamuru ifise amanota 32

9 Buja City ifise amanota 31

10.Kayanza United ifise amanota 31

11. Athlentico Academy ifise amanota 28

12.Olympic Star ifise amanota 26

13 LLBSAA  ifise amanota 25

14 Rukinzo FC ifise amanota 25

15 Les lierres ifise amanota 20

16. Ngozi City ifise amanota 15

 

Facebook Comments

Most Popular

Kirikou ngo Big Fizzo aharanira inyungu za buri muririmvyi wese w’Umurundi

https://www.youtube.com/watch?v=WQtmaXoJaK0 Big Fizzo kumusubiriza ngo ntibizoroha, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Kirikou Akili akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook. Muri ubwo butumwa yashikirije kuri urwo rubuga, yamenyesheje ko...

Education : Bazindutse bugariza ishure

Abavyeyi barereye kw’ishure ryitiriwe inyenyeri riri i Maramvya muri komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura, bazindutse kuri uyu wa gatanu bugariza iryo shure. Abo bavyeyi...

Abibaza ko coronavirus yaheze ngo ni ukwihenda cane.

Muri ino minsi haribonekeza ukudebukirwa mu kwikingira coronavirus, aho abantu badatinya gukoranako mu kuramukanya, mu kutubahiriza imetero hagati y'umuntu n'uwundi nayo gukaraba vyo vyabaye...

Ngo nta mbuga ngurukanabumenyi za Facebook akoresha

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida aramenyesha abarundi n’amakungu ko umushikiranganji Thaddée Ndikumana ata mbuga za Facebook akoresha. Ivyo Jean Bosco Girukwishaka...

Facebook Comments