Home football Coupe du Président : Inkino zo gusubiriza z'igice c'8 gishira ica nyuma...

Coupe du Président : Inkino zo gusubiriza z’igice c’8 gishira ica nyuma zigiye kubandanya

Inkino zo gusubira z’igice 1/8 gishira ica nyuma c’igikombe c’Umukuru w’igihugu zigiye kubandanya.

Reka tubibutse ukuntu imigwi izohura :

Aho bukera ku musi wa gatatu igenekerezo rya 11 Ntwarante 2020:

– Ku kibuga c’urukundo i Ngozi isaha icenda 15h00, umugwi wa Lumiére de Mwumba uzokwakira Athletico Academy

– Ku kibuga c’ingoma i Gitega isaha indwi 13h00, umugwi wa Garage Fc uzokwakira umugwi wa Vital’o Fc

– Ku kibuga c’ingoma isaha icenda n’igice 15h30, umugwi wa Musongati Fc uzokwakira Les Jeunes Athletic Fc

– Ku kibuga c’intwari isaha indwi n’igice 13h30 Buja city uzokwakira Bumamuru Fc

– Ku kibuga c’intwari isaha icumi 16h00 Inter Star uzokwakira BS. Dynamic

– Ku kibuga c’Umuco isaha indwi n’igice 13h30 Unité Fc izokwakira Rukinzo Fc

– Ku kibuga c’Umuco isaha icenda n’igice 15h30 Kayanza United izokwakira Buhumuza Fc

– Ku kibuga ca Peace Park Complex Aigle Noir izokwakira Lydia Lucid Sports For Africa .

Facebook Comments

Most Popular

Umugwi Musongati Fc washitse neza i Lusaka muri Zambia

  Umugwi Musongati Fc wo mu ntara ya Gitega waserukiye Uburundi mu mahiganwa ya CAF Confederation Cup waraye ushitse neza i Lusaka mu gihugu ca...

PLB : Uku niko imigwi izohura kundwi ya 13

  Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 05 na 06 Kigarama 2020, ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu Burundi Primus league rizobandanya kundwi yaryo...

Olivier Niyungeko niwe yatahukanye agashimwe k’umumenyereza w’ukwezi kwa Munyonyo

  Ata gukekeranya umumenyereza w’umugwi Vital’o Fc akongera akaba icegera c’umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyingeko niwe yatahukanye agashimwe gasanzwe gatangwa na BCM Burundi...

Ahamagarira abana kwiga urukino rwa Karaté

Mu bihe vy’ibiruhuko abamenyereza mu nkino zitandukanye baratunganya ivyirwa ku bana baba bari mu karuhuko, nko mu nkino za Football, na Basketball hamwe na...

Facebook Comments