Home homepage Shassir Nahimana ngo ntiyitezwe guhamagarwa mu ntamba mu rugamba

Shassir Nahimana ngo ntiyitezwe guhamagarwa mu ntamba mu rugamba

Mu gihe yariko akorana ikiganiro n’imwe mu mboneshakure online ya hano iwacu uyo mukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba Shassir Nahimana yavuze y’uko atitezwe guhamagarwa mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba mu misi iri mbere bivanye n’uko atamugwi abarizwamwo muri kino gihe.

Shassir yarabajijwe ikibazo n’umumenyeshamakuru amubaza y’uko yoba afise ikibanza mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba mugihe ata mugwi abarizwamwo.

Shassir Nahimana akaba yishuye ati : «Umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba ni umuryango w’isoko sinshobora kuronka ikibanza kubera y’uko hari abakinyi barenga ibihumbi ijana bakina kugira bahamagarwe mu ntamba mu rugamba nabo nyene bandikishe amateka , rero sinshobora kwicara ngaha ngo ndiko ndiyumvira intamba mu rugamba mugihe hari benshi bakina hanze y’igihugu , nohamagarwa mu ntamba igihe nzoba naronse umugwi wo hanze y’igihugu naho nyene bizosaba y’uko anyizera , ariko kuvyukuri muri kino gihe nta n’iciyumviro mfise co gukinira intamba mu rugamba ».

Mukamenya y’uko Shassir Nahimana ari hano mu gihugu arindiriye ko ukwezi kwa 6 kuzohera kugira aronke umugwi.

Facebook Comments

Most Popular

Diaspora News: Abahamagarira kwitaba inama yo kurabira hamwe igituma baguma bagandagurwa

Mu butumwa aheruka kurungikira ubuserukizi bw’ibihugu vya Afrika buri mu gihugu c’Uburusiya, umuserukizi w’Uburundi muri ico gihugu Edouard Bizimana abahamagarira kwunga urunani maze biyamirize...

Ibidasanzwe bitari bimenyerewe nivyo vyaranze Basketball i Bujumbura

Menya ibintu bine bidasanzwe kandi bitari binamenyerewe vyaranze Basketball i Bujumbura mu ndwi twaraye dusozereye. Urunani ruhahagaritse umuvuduko wa Kern Ihiganwa rya Basketball mu gisagara ca...

Lydia Nsekera| Basabwa gukingira abakenyezi

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 28 Munyonyo 2020 niho hakinwa inkino mu ntumbero yo kurwanya amabi akorerwa abakenyezi . Inkino zitandukanye nka Volleyball, Basketball...

Diaspora News: Uwaramutswa vy’imfata kibanza abarundi baba mu bubirigi yarakombowe

Jean Niyonkuru, yagirizwa ubushobozi buke bwo gutunganya amatora y’indongozi nyezina z ’abarundi baba mu Bubirigi kuva mu mwaka wa 2019 ntakibarizwa muri ayo mabanga...

Facebook Comments