Home Burundi Gaaga Blue mu mwaka uheze yanse ibiteramo kubera ibibazo vyo mu mutwe

Gaaga Blue mu mwaka uheze yanse ibiteramo kubera ibibazo vyo mu mutwe

Inyuma y’igihe abarizwa inyuma y’igihugu, Gaga blue avuga ko yagarutse mu gihugu kandi ko ibikorwa bizogenda neza, kuko afise vyinshi ashaka gushikiriza abakunzi biwe b’umuziki.

Mu kiyago na Trending Media Tv, uwo muririmvyi yavuze ko agiye kuzokora ibiteramo vyinshi, naho mu mwaka uheze atabikoze ngo kubera ikibazo yarafise co mu mutwe. Si ico gusa kuko ngo hari n’indirimbo nshasha nayo iriko iraza.

Abajijwe nimba amafaranga bashira mu ndirimbo ziwe yinjira, kubera asa nkaho ataboneka cane mu biteramo, uwo muririmvyi yavuze ko amafaranga yinjira kuko inzira arabishamwo amaso atarizo abandi barabishamwo amaso.

Nayo ku kibazo c’uburyo yoba avuzwa muri Tanzania iyo agize igihe akorera, uwo muririmvyi yavuze ko Tanzania ari nini, ngo nico gituma atovuga ko indirimbo ziwe zivuzwa hose, ariko ngo ahakwiranye n’izina afise ngo baramuvuza. Ariko akavuga ko yizera ko igihe kizogera bakamuvuza hose.

Gaga Blue yavuze ko indirimbo z’abaririmvyi amaze kubona n’amaso yiwe zivuzwa ku mboneshakure muri Tanzania ari iziwe, iza Kidum, iza Lolilo hamwe n’iza Natacha gusa.

Facebook Comments

Most Popular

Ngo nta mbuga ngurukanabumenyi za Facebook akoresha

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida aramenyesha abarundi n’amakungu ko umushikiranganji Thaddée Ndikumana ata mbuga za Facebook akoresha. Ivyo Jean Bosco Girukwishaka...

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe bashitse amarembe i Libreville

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Angéline Ndayishimiye bashitse impore amarembe i Libreville ku murwa mukuru w’igihugu ca Gabon aho bagiye...

Diaspora: Amarushwa ashobora gushikira umuntu kubera ari mu mahanga.

Ba Sokuru nibo bayamaze bati amahanga aragurana! Twihweje igitabo citwe "The Seven habitis of Highly effective people" candistwe n'uwitwa STEPHEN Corvey, turasangamwo ahantu avuga ko...

Diaspora News : Dusenge Ketty Ange asubiye guserukira Uburundi mw’ihiganwa mpuzamakungu

Abicishije kumbuga ziwe, ni Dusenge Ketty Ange yatumiriye abarundi n’abarundikazi kumushigikira mu kumutora kuba umunyamideri w’umwaka aho yanditse ubutumwa agira ati: “Nitwa DUSENGE Ketty Ange...

Facebook Comments