Home Burundi Kidum ngo Coronavirus ntiyamuteye kurera amaboko

Kidum ngo Coronavirus ntiyamuteye kurera amaboko

Kidum ngo naho akazi kahagaze muri Kenya kubera umugera wa CoronaVirus ubageze habi, ngo we ntiyicaye kuko ariko arandika kugira igihe iki kiza kizorengana azoronke ico aha abantu. Ivyo n’ivyo aheruka kuyagira ikinyamakuru BBC.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi w’umurundi abarizwa mu gihugu ca Kenya yavuze ko muri kino gihe bicaye mu nzu n’umuryango, kuko akazi kahagaze, kuko ibibanza bihuriramwo abantu benshi vyahagaritswe mu gihugu ca Kenya.

Kidum avuga ko muri kino gihe ataco ariko arinjiza, kuko n’ibiteramo yari yarateguye gukora, birimwo ico mu gihugu c’Ubuganda, ic’i Mombasa muri Kenya, vyose vyahagaze kubera iyo ngwara ya Covid-19 yateye. Ubu Kidum akavuga ko ariko yikora ku mafaranga y’integabizoza yari yarashize ku ruhande.

Jean Pierre muri ico kiganiro yanavuze ko muri kino gihe yicaye mu nzu, acishamwo agafata igitari agategura indirimbo. Imwe murizo ni nk’iyitwa Hatuachani, iyo yo ikaba ngo yararangiye kwandikwa.
Muriyo hakaba hazobonekamwo amajambo nka :

“Imbaraga zaraheze kabisa, inguvu zaheze, hanyuma kandi n’inyota yose yo kunywa amazi yaheze, meze sawa, nguma nicaye, nguma nsamara ndiko ndakuraba.”

Mwokwibuka ko Nimbona Jean Pierre yaheruka aha i Bujumbura aho yari yaje gukora indirimbo yahuriyemwo n’abandi bririmvyi batari bake, aho bari basubiyemwo indirimbo NKunda Abantu y’umurwi Alfred& Bernard.

Facebook Comments

Most Popular

Ubushikiringanji bwo kubungabunga amagara y’abantu buramenyesha ko hari abandi bantu banduye ikiza ca covid-19

Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida bumenyesha ko abandi bantu bashika ku mirongo ibiri bamenyekanye ko banduye umugera wa Covid-19. Nk’uko biri mw'itangazo...

Bella Hot Hot|Igituma ibiteramo bikomeye iburayi yari gukora vyahomvye

Bella Hot Hot ni Umurundikazi umwe rudende yashoboye kuboneka mubiteramo bikomakomeye aho yaboneka arikumwe canke aherekeje abaririmvyi bakomeye hano kumugabane wa Afurika...

Jeanjos Parfait nawe yahambije abandi kuri rwa rubuga mpunza makungu

Umuririmvyi Jeanjos Parfait asazwe akora indirimbo zihayagiza Imana(Gospel) nawe yaraye atewe iteka ry’ugushirwa kuri rwa rubuga rwa Wikipedia inyuma yabagenziwe bamutanguriye Umuririmvyi Jaenjos Parfait asazwe...

#Rumonge| Batakambira abarongozi basaba ko bobaronsa ihinguriro ry’ivyamwa

Imvura y'imigisha Ku vyamwa vya mandalena niyo yibonekeza mu ntara ya Rumonge ndetse no muri komine Rumonge,bikagaragazwa n'umwibu mwinshi wazo, uherekezwa n'imyidogo Ku barimyi. Indobo...

Facebook Comments