Home football Jimmy Ndayizeye ngo intumbero yabo ni ugutwara igikombe

Jimmy Ndayizeye ngo intumbero yabo ni ugutwara igikombe

Mugihe umugwi wa Messager Ngozi wari wakiriwe i Gitega n’umugwi wa Musongati Fc mu rukino rw’indwi ya 26 y’ihiganwa rya Primus league aho iyo migwi yanganije igitsindo 1-1 , umumenyereza wa Messager Ngozi yagize ico ashikiriza inyuma y’urwo rukino.

Ari kuri mirco ya Indundi TV Jimmy Ndayizeye yavuze y’uko yashimishijwe no kuronka inota rimwe i Gitega kuko rurya rukino rwarimwo ibiharuro vyinshi bivanye n’uko Musongati ari umugwi bariko bahiganirwa ikibanza ca mbere, akaba yagize ati :

“Ndashimishijwe n’inota rimwe naronkeye ngaha ni urukino novuga y’uko rwarimwo ibiharuro vyinshi murabona y’uko Musongati Fc ari umugwi turiko tugwanira ikibanza ca mbere gushika n’ubu ihiganwa ntirirahera keshi iyo uhuye n’umugwi nk’uyu muriko mugwanira igikombe utawutsinze mwopfuma munganya”

Abajijwe intumbero bafise uyu mwaka Jimmy Ndayizeye akaba yishuye ati : “Twebwe intumbero dufise n’irya nyene yo gutwara igikombe”

Mukamenya y’uko umugwi wa Messager Ngozi ukiri kw’isonga ku rutonde rw’imfatakibanza rwa Primus league n’amanota 54 igakurikirwa na Musongati Fc ifise amanota 51.

Facebook Comments

Most Popular

Umugwi Musongati Fc washitse neza i Lusaka muri Zambia

  Umugwi Musongati Fc wo mu ntara ya Gitega waserukiye Uburundi mu mahiganwa ya CAF Confederation Cup waraye ushitse neza i Lusaka mu gihugu ca...

PLB : Uku niko imigwi izohura kundwi ya 13

  Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 05 na 06 Kigarama 2020, ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu Burundi Primus league rizobandanya kundwi yaryo...

Olivier Niyungeko niwe yatahukanye agashimwe k’umumenyereza w’ukwezi kwa Munyonyo

  Ata gukekeranya umumenyereza w’umugwi Vital’o Fc akongera akaba icegera c’umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyingeko niwe yatahukanye agashimwe gasanzwe gatangwa na BCM Burundi...

Ahamagarira abana kwiga urukino rwa Karaté

Mu bihe vy’ibiruhuko abamenyereza mu nkino zitandukanye baratunganya ivyirwa ku bana baba bari mu karuhuko, nko mu nkino za Football, na Basketball hamwe na...

Facebook Comments