Home football FFB: Reveriyano Ndikuriyo yaraye atanze ibikoresho bizokoreshwa n'imigwi

FFB: Reveriyano Ndikuriyo yaraye atanze ibikoresho bizokoreshwa n’imigwi

Hari kuri uyu wa Mungu igenekerezo rya 29 Ntwarante 2020, neza na neza isaha zitanu zo kumurango 11h00 ku kibuga c’ubuhinga kiri mu Ngagara beshi bita kuri (CTN) Centre Technique National aho uwusanzwe atwara Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB akongera agatwara Inama Nkenguzamateka nyakwubahwa Reveriyano Ndikuriyo  ishirahamwe FFB riciye kuriwe ryari ryaramutse ritanga ibikoresho bizokoreshwa n’imigwi muri uno mwaka mu gihugu bijanye n’umupira w’amaguru hamwe n’imyambaro akaba yabitanze ku migwi yo mu cicaro ca mbere mu bahungu , mu cicaro ca kabiri mu bahungu, mu cicaro ca mbere mu bigeme , mu cicaro ca kabiri mu bigeme, mu cicaro ca gatatu , hamwe no mu cicaro ca kane

Igitigiri civyatanzwe uyo musi akaba ari imipida 372 y’urukino rw’umupira w’amaguru hamwe n‘imyambaro igera kuri 900 ( Maillot) .

Nyakwubahwa Reveriyano Ndikuriyo akaba yasavye y’uko abatwara imigwi ya hano iwacu y’uko boza baragira agasandugu ko guteza imbere umugwi uwubahaye ibihumbi ijana ( 100.000fb) babika amajana abiri (200.000fb) babika hama bagahora babaza muri FFB y’uko bari mu gukomanda imipida bakaza barayibagurira hanze .

Mukamenya y’uko ico gikorwa gitanguriye ikizokurikira arico co gutanga imipira yo gukina mu gihugu cose gushika no mu migwi yo muma komine hamwe no muma Academy akaba yemereye n’abahagarikizi kuzobaronsa imyambaro .

Facebook Comments

Most Popular

Uwoya yagarutse ku bimwagirizwa ko yoba ari ishetani

https://m.youtube.com/watch?v=5JqdE6e39HY Irene uwoya benshi bazi nka Oprah kubera ireresi yakinyemwo yitwa iryo zina, nawe haraho bishika akemeranya n'abatari bake ko ari ishetani "Jini" bivanye n'ubwiza...

Abatari bake bibajije nimba Natacha yavuga gusenga, canke yafobetse

https://m.youtube.com/watch?v=-BIr5LPrtJI Mu giswahiri umuririmvyi Natacha yaraye yanditse ko arindiriye umugabo ngo batangure gusenga. Kwoba kwari ugusenga nyene canke yari imvugo mfobeko isobanura ikindi? Ico nico...

Igituma urwaruka ruheza amashure ntirumenye ariko ntirumenye kuvuga ururimi rw’icongereza

Mu Burundi hariho urwaruka ruheza amashure yisumbuye mbere na kaminuza ariko rudashobora no kuvuga ngo rutange ivyiyumviro mu rurimi rw'icongereza. Ariko rero ntibisigura ko batazi...

Impamba umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaraye atekereye abarundi

Umukuru w'igihugu asaba abarundi bose guharanira amahoro aho umwe wese aba, bayatsimbataze bari hamwe bose kugira bashobore kugwaniriza hamwe umwansi w'ubukene mu muryango. Evariste Ndayishimiye...

Facebook Comments