Home eclusive news Karaté : Jinnah Pérec umwigeme akunda karaté

Karaté : Jinnah Pérec umwigeme akunda karaté

Mu gihe kuno kwezi kwahariwe agateka k’umukenyezi kw’isi , ikinyamakuru Indundi.com cabazaniye inkuru idasanzwe y’umwigeme yamuka hano iwacu Kaze Jinnah Pérec wo muri Zanshin karaté-do irongowe na sensei Christophe Nkurunziza alias Kimé .

Ntibitangaje kuba akina urwo rukino kuko yamuka ku gihangange mu kumenyereza urwo rukino Karaté Pascal Kazwiti (umuyobozi muhinga muri fédération ya karaté) na Candide Mukerabashitsi badahengeshanya kumushigikira mw’iterambere ryiwe .

Jinnah Pérec Kaze ni umurundikazi , yavukiye mu gisagara ca Bujumbura kw’igenekerezo rya 18 Mukakaro 1997 akaba ariko arangiza amashure ya kaminuza .

Karaté yatanguye kuyikunda no kuyikina afise imyaka 9 mu mwaka wa 2006.
Akaba abonetse mu rundi runganwe rushasha rurimwo abandi bakomeye muri karaté nka Ornella Bukeyeneza ( azwi nk’umu commando).
Abigeme nkabo bavyitwaramwo neza twabaheruka 2012 mu mahiganwa ya zone 5 akaba ari Nery Barutwanayo , Kelly Gloria Irakiza na Annick Muhoza baserukira igihugu.

Kugeza ubu, Jinnah afise umukaba wirabura ( ceinture noir dan imwe) akaba amaze guserukira igihugu muri urwo rukino mu bihugu bine ( Ouganda , Rwanda , Tanzanie na Cameroun mu gikombe ca Afrika)

Urwo rukino rwaranatumye uwo mwigeme aja mu gihugu ca Ouganda gukurikirana amashure ya kaminuza kuri Universite Ndeje.

Muri indundi sports tumwifurije gutera aja imbere.

Facebook Comments

Most Popular

Ivyokorwa kugira umutekano utsimbatare mu gisagara ca Bujumbura

«Ukurwanya amarigara no gushira amatara ku mpangu ngo ni bimwe mu vyofasha kwongereza umutekano muri komine Mukaza mu gisagra ca Bujumbura. » Ivyo ni ivyashikirijwe kuri...

Imyambaro ishika ku 500 yanditsweko Saidi Ntibazonkiza igiye gushirwa ahabona

  Uwusanzwe ari umuvugizi wa Yang Africans Antonio Nugaz yavuze y’uko umukinyi w’umurundi Saidi Ntibazonkiza agiye kwitegurirwa bimwe bikomeye. Mu kiganiro yakoranye n’imwe mu mboneshakure yo...

Breaking news: Papa Bouba Diop wa Sénegal yaraye aryamiye ukoboko kw’abagabo

Uwatsinze igitsindo ca mbere mu gikombe c’isi c’umwaka wa 2002 agitsinze Ubufaransa aho Senegal yatsinze igitsindo 1-0 , Papa Bouba Diop yaraye aryamiye...

PLB : Uku niko imigwi igiye guhura kundwi ya 12

  Inyuma y’aho inkino za CAF Champions league hamwe na CAF conféderation Cup zirangiriye mu mpera zindwi iheze aho imigwi yacu yari yaserukiwe na Messager...

Facebook Comments