Home homepage Volley Ball : Hatangujwe inkino co gusubiriza

Volley Ball : Hatangujwe inkino co gusubiriza

Bisoro na Rukinzo zarorohewe mu bagabo , Muzinga na Les As na GLC nazo ntiziganganiye Panthers na New colombe.

Mw’ishirahamwe rya volley ry’i Bujumbura baratanguye igice ca kabiri c’ihiganwa bita phase retour mu mpera zino ndwi ku kibuga bita Parquet .

Mu gihe ku musi wa gatanu ,igenekerezo rya 17 Ndamukiza ishirahamwe rya volley ball mu Burundi ryandikiye amashirahamwe yose yaryo ngo bahagarike inkino. Abo mw’ishirahamwe rya volley i Bujumbura AVAB ntibatevye kwishura ababandikiye ko bobo badahagarika ihiganwa kuko babimenyeshejwe buca inkino zikinwa.

Izo nkino zaciye zikinwa ukuri kwamye mbere zikaba zarorerewe na benshi.

Ku wa gatandatu niho zatangujwe imirwi ikaba yatsindanye uku mu bagabo no mu bakenyezi:
Mu bagabo
Bun 0-3 rukinzo
Muzinga 0-3 bisoro
Gacosmos 1-3 amical
Mu bakenyezi
Panthers 0-3 glc
Les as 3-0 new Colombe
Dimanche
Panthères 0-3 les as

Zarabandanije no ku w’imana kuri ico kibuga nyene

Bun 1-3 bisoro
Muzinga 0-3 Gacosmos
Amical 0-3 rukinzo

Mu gihe mu bakenyezi naho Les As yirahiye Panthers iseti zitatu ku busa, Muzinga nayo ikubita ubutinyagaza New colombe amaseti atatu ku busa.
Indundi yaraganiriye nk’umukinyi wa Rukinzo:
Trésor Ntwari avuga ko borohewe gutsinda kubera ko bakoreye cane ku mukinyi Évrard wa amical .

No ku ruhande rwa amical barabwiye indundi sports icatumye batsindwa muri urwo rukino.
Bryan Mugabowingabo kizigenza wa amical yaremeye ko Rukinzo yabarushije acavuga ko bakinye batarikumwe n’ abakinyi babiri bakomeye Gado na sixte.

Mwomenya ko kuri uyu w’Imana mu rukino rwari rurindiranywe igishika,
Rukinzo yirahiye Amical sportif amaseti atatu ku busa mu gihe ku wa gatandatu Amical yari yatsinze Gacosmos irongowe na Pascal Barandagiye umushikiranganji w’intwaro yo hagati.

Facebook Comments

Most Popular

Ivyokorwa kugira umutekano utsimbatare mu gisagara ca Bujumbura

«Ukurwanya amarigara no gushira amatara ku mpangu ngo ni bimwe mu vyofasha kwongereza umutekano muri komine Mukaza mu gisagra ca Bujumbura. » Ivyo ni ivyashikirijwe kuri...

Imyambaro ishika ku 500 yanditsweko Saidi Ntibazonkiza igiye gushirwa ahabona

  Uwusanzwe ari umuvugizi wa Yang Africans Antonio Nugaz yavuze y’uko umukinyi w’umurundi Saidi Ntibazonkiza agiye kwitegurirwa bimwe bikomeye. Mu kiganiro yakoranye n’imwe mu mboneshakure yo...

Breaking news: Papa Bouba Diop wa Sénegal yaraye aryamiye ukoboko kw’abagabo

Uwatsinze igitsindo ca mbere mu gikombe c’isi c’umwaka wa 2002 agitsinze Ubufaransa aho Senegal yatsinze igitsindo 1-0 , Papa Bouba Diop yaraye aryamiye...

PLB : Uku niko imigwi igiye guhura kundwi ya 12

  Inyuma y’aho inkino za CAF Champions league hamwe na CAF conféderation Cup zirangiriye mu mpera zindwi iheze aho imigwi yacu yari yaserukiwe na Messager...

Facebook Comments