Home Basketball Basketball: Jadot Nkurunziza yaratunganije ihiganwa rya Basketball

Basketball: Jadot Nkurunziza yaratunganije ihiganwa rya Basketball

Gymkhana yarirahiye Urunani mu rukino rwa kivandimwe ruheruka kubahuza.

Mw’ihiganwa ryatunganijwe na Jadot Nkurunziza riheruka guhuza imirwi itandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura ,umurwi wa Gymkhana warirahiye Urunani ku ncuro ya kabiri yikurikiranya ku manota 77 kuri 70 kuri uyu wa gatandatu ku kibuga co mw’i jabe.

Ku ruhande rw’urunani kari akaryo keza ko gupima abakinyi bashasha kugira bamenyerane n’abandi , abo nabo akaba ari Alain batazira avuye muri Les hyppos , Gontran Emerusenge yakuriye muri Gymkhana , Nobel Niyonganji yahora muri Dynamo ,Salumu n’a Ncoro.

Ku ruhande rwa Gymkhana , rwari urukino rwa kabiri Aimeé Bitagoye atsinze Urunani kuva agenywe akaba yabwiye Indundi ko bariko barapima abakinyi babo narirya ihiganwa ryimirije.

Mwomenya ko mu zindi nkino Dream Team yatsinze Kazoza mu badashikana imyaka 15 hama mubari munsi y’imyaka 18 Ambassadors yatsinzwe na Ishaka 29 kuri 49.

Facebook Comments

Most Popular

Igiteramo ca Big Fizzo casibijwe ntikikibaye kuri ryasango

Igiteramo c’umuririmvyi Big Fizzo c’ugushira ahabona inkwirikirane zibiri z’indirimbo cahiduwe itariki cobereyeko nk’umvo zitaramenyekana Inyuma yukuvuga ko ari ibakwe yagize kugira abashe gukora inkurikirane zibiri...

Ubushikiringanji bwo kubungabunga amagara y’abantu buramenyesha ko hari abandi bantu banduye ikiza ca covid-19

Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida bumenyesha ko abandi bantu bashika ku mirongo ibiri bamenyekanye ko banduye umugera wa Covid-19. Nk’uko biri mw'itangazo...

Bella Hot Hot|Igituma ibiteramo bikomeye iburayi yari gukora vyahomvye

Bella Hot Hot ni Umurundikazi umwe rudende yashoboye kuboneka mubiteramo bikomakomeye aho yaboneka arikumwe canke aherekeje abaririmvyi bakomeye hano kumugabane wa Afurika...

Jeanjos Parfait nawe yahambije abandi kuri rwa rubuga mpunza makungu

Umuririmvyi Jeanjos Parfait asazwe akora indirimbo zihayagiza Imana(Gospel) nawe yaraye atewe iteka ry’ugushirwa kuri rwa rubuga rwa Wikipedia inyuma yabagenziwe bamutanguriye Umuririmvyi Jaenjos Parfait asazwe...

Facebook Comments