Home abakinyi bakina hanze Kabanange aracishuza CAF agashimwe kiwe

Kabanange aracishuza CAF agashimwe kiwe

Umukinyi w’umusatirizi w’umugwi nserukira gihugu wa Congo Junior Kabanange yavuze y’uko gushika muri kino gihe atarahabwa ikirato ciwe c’inzahabu inyuma yo gutorwa nk’umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi muri CAN yo mu mwaka wa 2017.

Kabanange akaba asanzwe akinira umugwi wa Qatar Sc yo mu gihugu ca Qatar akaba ariwe yinjije ibitsindo bitatu muri izo nkino za CAN zabera muri Gabon.

Uyo musatirizi w’imyaka 31 akaba amaze kwibutsa agashimwe kiwe abatwara umupira muri Africa CAF abicishije mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ryo muri Congo ( FECOFA)

Akaba yagize ati ” sinatoye agashimwe nanje k’umukinyi yinjije ibitsondo vyinshi avuye muri (CAF ) nararungitse ubutumwa ndabicishije kuri FECOFA ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Congo gushika n’ubu ndacarindiriye nkeneye kugumana agashimwe kanje muhira”

Benshi rero bikaba vyabasize ubwenge kubona ishirahamwe rikomeye nka CAF rimara ikiringo c’imyaka itatu yose riheraniye umukinyi agashimwe kiwe.

Facebook Comments

Most Popular

#Burundi| Barahiye gushira umukono ku rupapuro rwemeza ko bagiye gukurikiza amategeko y’igihugu

Abayoboke ba Zebiya batahukanywe mu miryango yabo, kuri uyu wa gatandatu, ngo baranse gutera umukono ku rupapuro rwemeza ko bagiye gukurikiza amategeko y’igihugu. Naho biri...

Amissi Bagumako yashikirijwe agashimwe kiwe

Umumenyereza w'umugwi wa Rukinzo Fc , Amissi Bagumako yaraye ashikirijwe agashimwe k'umumenyereza yavyitwayemwo neza mu kwezi kwa gatatu. Hari ku musi wa gatatu igenekerezo rya...

Bain Turo aremeza ko uguteba kwiwe kuzosobanura vyinshi mumaso y’abibaza ko yihenze.

Igihe ni kinini cane umuririmvyi BainTuro ataboneka cane mubikorwa vyo gusohora indirimbo nkuko vyahoze ataraja muri Label vyatumye benshi babibona nk'uruhombo kuri...

League B: Uku niko imigwi yatsindanye kundwi ya 10

Kuva ku musi wa gatandu igenekerezo rya 30 no ku musi w'Imana igenekerezo 31 Rusama 2020, ihiganwa ryo mu cicaro cakabiri League B ryarabandanije...

Facebook Comments