Home Burundi Kamatari ariko akorera Masque zo kwikingira Corona abo muri Mali

Kamatari ariko akorera Masque zo kwikingira Corona abo muri Mali

Kamatari Esther umunyamideri w’umurundikazi akaba kandi numwe mu bo munda y’ingoma, yahinduye imigambi yarafise none ubu yatanguye gukora ama Mask kugira abashe gufasha abantu kwikingira ikiza ca Corona Virus.

Ivyo bikorwa ngo yabitanguye inyuma yaho aboneye Mask ikoreshwa amasaha 3 gusa, zimwe zikoreshwa n’abaganga ziriko zigurishwa amafaranga angana n’amafaranga ya amerika 7, n’ukuvuga hafi amafaranga ibihumbi 14 vy’amafaranga ya hano iwacu.

Ico gikorwa ciza akaba nkuko amakuru dukesha igisata ca Afrika c’ikinyamakuru Le Monde ariko agikorera Bamako muri Mali aho ubu ariko arakorera akazi kiwe. Ico gisagara kikaba camwakiriye aje kurondera uburyo agabanya ama plastic abarizwa muri ico gisagara.

Ayo makuru dukesha ico kinyamakuru akabandanya avuga ko uwo murundikazi ngo ico ciyumviro yakigize imbere yuko haboneka umuntu wa mbere yafashwe n’iyo ngwara muri ico gisagara ca Bamako.

Ubu uwo muvyeyi akaba afise abasanzwe bashona bashika kuri 20 bariko bakora izo Mask ziriko zikorwa mu mwambara ukozwe mw’ipampa. Ariko imbere yuko atangura gukora muri uwo mwambara ukozwe mw’ipampa, ngo yari yabanje kubanza gushaka gukora muco bita Essuis-tout mu kinyamazuru, ariko birahinduka kuko ako ngo gasanzwe kadakomera.

Ico gikorwa kikaba kiriko gikorwa mu gihe uno musi abamaze gufatwa n’iyo ngwara ari 87 muri Mali, nayo abamaze gupfa ni 7, nayo muri Afrika abarenga 14, 000 baramaze gufatwa n’ico kiza, 745 barapfa ariko abarenga 2400 bakaba bamaze gukira.

Facebook Comments

Most Popular

#diaspora| News|Umuco wa Japhet Legentil ku makenga ya bamwe n’abandi

Abenshi mu barundi baba mu mahanga (diaspora Burundaise), ntibabona kumwe itunganywa n’indinganiza za diaspora y’ Uburundi, eka n’indwi yahariwe umurundi aba mu mahanga bakayibona...

Basaba Reta n’abagiraneza kubagarukirako

Abanyagihugu bari muri site y’impunzi ya Kigarangamango ngo bamerewe nabi kuva bahungiye muri iyo site, hararenze amezi atanu. Bimwe mu bihanze abo banyagihugu bahungiye muri...

Ivyo basabwa kugira ngo irandagata ry’ikiza Covid-19 rigabanuke

Imiryango y'abarundi batahuka bava mu mahanga isabwa kwubahiriza imisi yo kuba ukwa bonyene mu ntumbero yo kurwanya Covid19. Bishikirizwa na Muganga Joseph Nyandwi, umuyobozi w'ikigo...

Uwoya yagarutse ku bimwagirizwa ko yoba ari ishetani

https://m.youtube.com/watch?v=5JqdE6e39HY Irene uwoya benshi bazi nka Oprah kubera ireresi yakinyemwo yitwa iryo zina, nawe haraho bishika akemeranya n'abatari bake ko ari ishetani "Jini" bivanye n'ubwiza...

Facebook Comments