Home Entertainment Linah Blanche yamaze gushira ahabona igikorwa gikomeye agiye gukorana na Bantu...

Linah Blanche yamaze gushira ahabona igikorwa gikomeye agiye gukorana na Bantu Bwoy Ent

Inyuma yo kugaruka neza ndetse akemeza ko agiye gukora ibikorwa ubudasubira inyuma umurirumvyikazi  Linah Blanche abandanya akora bidasanzwe vyerekana neza ko yipfuza iterambere kumuziki ndundi ndetse no mubigeme na cane cane nkuko yavyivugiye mubiganiro yagiye arakora

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2020 ,niho uwo muririmvyikazi yandika abicishije kumbuga ngurukana bumenyi ziwe aho yahaye ubutumwa bugifi abakunzi biwe ndetse n’abakunzi b’umuziki ndundi muri rusangi aho yagira ati:Jewe na Bantubwoyent257 dushaka kumenyesha abafans b’umuziki wanje yuko tugira turekure Album yanje yambere yiswe ‘STRONG WOMAN’ kuruyu wagatanu itariki yambere Mai 2020 kumbuga zigurisha imiziki mumakungu. Ntimutangwe…”

Ayo niyo Linah Blanche yanditse  inyuma yokwerekana inyota yo kubura ugushigikirwa n’amasamirizi ndetse n’ibimenyesha makuru mu muziki ndundi akaguma avuga ko abakobwa bahari ariko ibinyamukuru n’amasamirizi baguma bavuga ngo ntabo  bakareka kwumvikana kukubura ugushigikirwa (Promotion, Support).

Ikindi mwomenya nuko ashikirije ivyo inyuma yaho aheruka gushira ahabona ururirimbo rw’asohokanye n’amasanamu meza kandi wumva ko rumeze neza rukaba ari ururirimbo yise Sugar.

Facebook Comments

Most Popular

# Indundi Sports| Rallye yungururijwe ku yindi sango ku mvo z’urufpu rw’umunywanyi wayo

  Komite shingwa bikorwa (Exécutif)ya Club Automobile yo mu Burundi muri Rallye iri n’umubabaro mwishi wo kubamenyesha urupfu  giturumbuka rw’umunywanyi wayo. Niyonkindi Didier akaba yitavye Imana...

# indundi Sports | Jimmy Ndayizeye ngo Saidi Ntibazonkiza niwe azoheka Yanga Africans

  Umumenyereza mukuru w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba Jimmy Ndayizeye yavuze ko umukinyi w’intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza niwe azoheka umugwi Yang Africans mu...

# Indundi Sports | CECAFA U 20: Aba nibo bakinyi berekeye muri Tanzania

    ku w’Imana igenekerezo rya 22 Munyonyo 2022 niho abakinyi b’intamba mu rugamba y’abatarenza imyaka 20 berekeje i Harusha mu gihugu ca Tanzania mu ntumbero...

#diaspora| News|Umuco wa Japhet Legentil ku makenga ya bamwe n’abandi

Abenshi mu barundi baba mu mahanga (diaspora Burundaise), ntibabona kumwe itunganywa n’indinganiza za diaspora y’ Uburundi, eka n’indwi yahariwe umurundi aba mu mahanga bakayibona...

Facebook Comments