Home abakinyi bakina hanze Blaise Bigirimana ngo abarundi barazi umupira babuze ababashigikira

Blaise Bigirimana ngo abarundi barazi umupira babuze ababashigikira

Mugihe umukinyi w’Umurundi akina mu gihugu ca Tanzania mu mugwi wa Namungo Fc,Blaise Bigirimana mu  ikiganiro yahaye Indundi TV kuvyerekeye ubuzima bwiwe mu bijanye n’umupira w’amaguru , yabajijwe itandukaniro riri hagati y’umupira wo mu Burundi n’ibindi bihugu yakinyemwo , akaba yavuze y’uko Abarundi barazi umupira ahubwo babuze ababashigikira gusa.

Akaba yagize ati :” Itandukaniro riri hagati y’Umupira wo mu Burundi hamwe n’ibindi bihugu naciyemwo abarundi ku mupira barawuzi ariko babuze ababashigikira .”

Mu nkino 16 z’ihiganwa ryo muri Tanzania Blaise Bigirimana amaze gukina amaze gutsinda ibitsindo 9.

Yaraciye mu migwi ya hano iwacu itandukanye nka Sobac Fc , Buja City , Athletico Olympic , Flambeau de l’est hamwe na Muzinga hama mu Rwanda akaba yarakiniye uUmugwi wa Kiyovu Sports , Muri Tanzania yakiniye imigwi ya Stand United , Alliance hamwe na Namungo Fc asanzwe akinamwakinamwo muri kino gihe .

 

Facebook Comments

Most Popular

Basaba Reta n’abagiraneza kubagarukirako

Abanyagihugu bari muri site y’impunzi ya Kigarangamango ngo bamerewe nabi kuva bahungiye muri iyo site, hararenze amezi atanu. Bimwe mu bihanze abo banyagihugu bahungiye muri...

Ivyo basabwa kugira ngo irandagata ry’ikiza Covid-19 rigabanuke

Imiryango y'abarundi batahuka bava mu mahanga isabwa kwubahiriza imisi yo kuba ukwa bonyene mu ntumbero yo kurwanya Covid19. Bishikirizwa na Muganga Joseph Nyandwi, umuyobozi w'ikigo...

Uwoya yagarutse ku bimwagirizwa ko yoba ari ishetani

https://m.youtube.com/watch?v=5JqdE6e39HY Irene uwoya benshi bazi nka Oprah kubera ireresi yakinyemwo yitwa iryo zina, nawe haraho bishika akemeranya n'abatari bake ko ari ishetani "Jini" bivanye n'ubwiza...

Abatari bake bibajije nimba Natacha yavuga gusenga, canke yafobetse

https://m.youtube.com/watch?v=-BIr5LPrtJI Mu giswahiri umuririmvyi Natacha yaraye yanditse ko arindiriye umugabo ngo batangure gusenga. Kwoba kwari ugusenga nyene canke yari imvugo mfobeko isobanura ikindi? Ico nico...

Facebook Comments