Home football Ikibuga c’i Gatwaro mu Kayanza kigiye kuronka umusezero wa kijambere

Ikibuga c’i Gatwaro mu Kayanza kigiye kuronka umusezero wa kijambere

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 14 Rusama 2020, niho umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Révérien Ndikuriyo yanditse ku rubuga Facebook asanzwe akoresha avuga y’uko ikibuga c’i Gatwaro mu ntara ya kayanza mu misi mike kizoba cagiyeko umusezero.

Ndikuriyo akaba yagize ati : ”Stade Gatwaro mu kayanza mu misi mike izoba yagiyeko umusezero. Tureke ibikorwa vyivugire “.

Iyo ikaba ari inkuru nziza ku mugwi wa Kayanza United umaze  igihe utariko uraguma hamwe  kubera ukubura ikibuga bakorerako imyimenyerezo

Tubibutse y’uko ico kibuga kizoba ciyongeye ku bindi bisanganywe umusezero wa kijambere ( Terrains Synthetics), aha twovuga ikibuga c’intwari kiri i Bujumbura, ikibuga c’urunani kiri mu ntara ya Cibitoke, Ikibuga c’Urumuri kiri mu Ruyigi, ikibuga c’Umuco kiri i Muyinga, ikibuga c’Urukundo kiri i Ngozi hamwe n’ikibuga ca Peace Partk Complex Stadium kiri mu ntara ya Makamba.

Facebook Comments

Most Popular

#diaspora|Frank Kaze| Kugira akazina k’ubuhizi vyoba bifasha?

"Uwudaciye akenge ntasumira umwana" murantunga abantu bakunze kuvuga ko uwutabeshe adasumira umwana, sivyo nagato, kuko "Ikinyoma ntikimara umwaka" kandi nticubaka kirasambura, muragerageza muzobibaze abuzukuru...

Chris Biz ngo kudandaza vyamuhaye kubandanya umuziki ata manager

Chris Biz ngo kudandaza vyamutumye uno musi naho ata mu Manager afise abasha kubandanya umuziki kuko ashoboye gushika kuri ino saha kwirihira indirimbo, yaba...

Gasore yavuze ko bagiye gukinisha abaririmvyi benshi mu mareresi yabo

Ismail gasore ngo ntibikunda ko umuntu atwenza abantu agenda kuri Stage atabanje gutegura ico ashikiriza abantu baje kumuraba, ariko ngo iyo vyanse niho acishamwo...

# Indundi Sports | PLB: Uko imigwi yatsindanye kundwi ya 28

Kuva kuri uyu a gatandatu w' igenekerezo rya 29 Rusama 2020, ihiganwa rya Primus league ryarabandanije kundwi ya 28 yaryo . Uku Niko imigwi yaraye...

Facebook Comments