Home football Nzeyimana Maylo ngo abona y'uko Igikombe ari ica Messager Ngozi

Nzeyimana Maylo ngo abona y’uko Igikombe ari ica Messager Ngozi

Uwahoze ari umumenyereza w’umugwi wa Flambeau du Centre Nzeyimana Maylo muri kino gihe amenyereza umugwi wa Lipuli Fc wo mu gihugu ca Tanzania abicishije mu kiganiro c’inkino gica kuri Buja FM igihe yari yabajijwe umugwi aha amahirwe wo gutwara igikombe ca Primus league c’uyu mwaka  hagati ya Messager Ngozi hamwe na Musongati Fc , uyo mumenyereza yavuze y’uko ku giti ciwe abona y’uko Messager Ngozi ariwo uzogitwara, akaba yagize ati :

“Nta banga kuko sinkiri Umumenyereza wo ngaha mu Burundi uko jewe ndabibona mbona y’uko umugwi wa Messager Ngozi ushobora kugitwara mugabo kugitwara si ukuvuga y’uko boca bishiramwo ko bamaze gutwara igikombe irya Objectif bamyeko igume kurya nyene Atari uko naho Musongati Fc ishobora kugitwara “.

Abajijwe ati ”ubwo ntiwatoye Messager Ngozi kubera Musongati Fc yigeze kuba  umukeba wawe mugihe wari muri Flambeau du Centre ?”, Nzeyimana yishuye agira ati ” oya jewe ndaba arya ma match asigaye , naravye n’uwuhe mugwi ufise amahirwe kuko inkino zibiri Musongati Fc izozikinira hanze mugihe Messager Ngozi inkino zibiri izozikinira iwabo.

Maylo Nzeyimana akaba yarangije avuga y’uko naho atariko amenyereza mu Burundi ariko umutwe wiwe n’umutima vyose biri mu Burundi.

Facebook Comments

Most Popular

# indundi Sports | Jimmy Ndayizeye ngo Saidi Ntibazonkiza niwe azoheka Yanga Africans

  Umumenyereza mukuru w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba Jimmy Ndayizeye yavuze ko umukinyi w’intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza niwe azoheka umugwi Yang Africans mu...

# Indundi Sports | CECAFA U 20: Aba nibo bakinyi berekeye muri Tanzania

    ku w’Imana igenekerezo rya 22 Munyonyo 2022 niho abakinyi b’intamba mu rugamba y’abatarenza imyaka 20 berekeje i Harusha mu gihugu ca Tanzania mu ntumbero...

#diaspora| News|Umuco wa Japhet Legentil ku makenga ya bamwe n’abandi

Abenshi mu barundi baba mu mahanga (diaspora Burundaise), ntibabona kumwe itunganywa n’indinganiza za diaspora y’ Uburundi, eka n’indwi yahariwe umurundi aba mu mahanga bakayibona...

Basaba Reta n’abagiraneza kubagarukirako

Abanyagihugu bari muri site y’impunzi ya Kigarangamango ngo bamerewe nabi kuva bahungiye muri iyo site, hararenze amezi atanu. Bimwe mu bihanze abo banyagihugu bahungiye muri...

Facebook Comments