Home Burundi Waruzi amajambo yavuzwe n'Abaririmvyi?

Waruzi amajambo yavuzwe n’Abaririmvyi?

Inyuma yaho benshi mu baririmvyi bashasha, canke bafise impano, bagiye barumvikana ariko batamenyekanye bivanye n’ukutavuzwa cane kw’indirimbo zabo ku nsamirizi zitandukanye, ubuho ngo n’akayobera bahinga.

Umuririmvyi akiri muto Ali Driss kumwe na mugenziwe nawe agitangura bamwe bazi nka Mr Giba, barakenguruka cane Staff Ya Indundi Magazine na cane cane abasanzwe baremesha ikiganiro Indundi Hits Show mukwemeza ko arico kiganiro gishobora kuvuza umuririmvyi batazinanye canke bafitaniye imigenderanire.

vy’umwihariko bakavuga abasanzwe ari abaserukizi ba Indundi Magazine kuri Radio Culture (King Epimax & Alan The Real).
Abo barimvyi bagira bati”Iyaba abamenyeshamakuru canke abayobozi b’amasamirizi bofashe ingingo yogukundisha umuziki wacu, bagashira ahabona impano zacu, bakanakunda ibikorwa vya benewabo, atakabuza mu Burundi twogiye turabona abaririmvyi bashasha bashobora no guserukira neza umuziki w’Uburundi.”

Mukiyago Umuririmvyi Ali Driss yakoranye na Indundi yemeza ko atigeze narimwe abona umumenyeshamakuru amushigikira atamuzi.

Ngo n’abo yagerageje gusaba ngo bamufashe bamwirengagije bamwe bamwe no kumwishura iyo abandikiye batabikozwa.

Facebook Comments

Most Popular

# indundi Sports | Jimmy Ndayizeye ngo Saidi Ntibazonkiza niwe azoheka Yanga Africans

  Umumenyereza mukuru w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba Jimmy Ndayizeye yavuze ko umukinyi w’intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza niwe azoheka umugwi Yang Africans mu...

# Indundi Sports | CECAFA U 20: Aba nibo bakinyi berekeye muri Tanzania

    ku w’Imana igenekerezo rya 22 Munyonyo 2022 niho abakinyi b’intamba mu rugamba y’abatarenza imyaka 20 berekeje i Harusha mu gihugu ca Tanzania mu ntumbero...

#diaspora| News|Umuco wa Japhet Legentil ku makenga ya bamwe n’abandi

Abenshi mu barundi baba mu mahanga (diaspora Burundaise), ntibabona kumwe itunganywa n’indinganiza za diaspora y’ Uburundi, eka n’indwi yahariwe umurundi aba mu mahanga bakayibona...

Basaba Reta n’abagiraneza kubagarukirako

Abanyagihugu bari muri site y’impunzi ya Kigarangamango ngo bamerewe nabi kuva bahungiye muri iyo site, hararenze amezi atanu. Bimwe mu bihanze abo banyagihugu bahungiye muri...

Facebook Comments