Home Burundi Dudu Niyukuri yakebuwe ko indirimbo zinyaruka mu rukurikirane ari nyinshi cane

Dudu Niyukuri yakebuwe ko indirimbo zinyaruka mu rukurikirane ari nyinshi cane

Dudu Niyukui yahagaritse ikorwa ry’izindi ndirimbo zija mu rukurikirane rushasha kuko ngo izari zirimwo zinyaruka zari nyinshi.

Dudu Niyukuri ngo yabwiwe ko indirimbo yari yashize mu rukurikirane buca rushirwa ahabona ngo harimwo izinyaruka nyinshi, aca ahagarika kubandanya akora izindi.

Dudu Niyukuri ngo yarahagaritse ishirwa ahabona ry’urukurikirane rwiwe kubera ko abasanzwe bamufashwa guhonja ibikorwa vyiwe imbere y’ukubishira ahabona, bamubwiye ko babona ko urwo rukurikirane ngo rurimwo agahaze.

Mu kiyago yagiranye na bagenzi bacu bakorera imboneshakure ikorera ku buhinga ngurukanabumenyi, yavuze ko abamufasha kuzihonja ngo bamubwiye ko indirimbo zinyaruka zirimwo ngo ari nyinshi cane. Uwo muririmvyi asanzwe abarizwa muri Kenya  akaba yahavuye ahitamwo guhagarika kubandaya akara izindi.

Uwo muririmyi avuga ko indirimbo zigize imisi zisohoka, yashimye kuzishira hanze ngo zibe izirebanga zidafatanye n’urukurikirane. Aho mukamenya ko uwo muririmvyi yaheruka kumenyesha ko urukurikirane rw’ikirundi ruzokurikirane n’uruzokwumvikanamwo indimi mvamakungu kugira atangure kwiyegereza n’abumva izo ndimi, ubona ko anafisemwo abakunzi batari bake.

Facebook Comments

Most Popular

Bafise impungenge ko imirimo ishobora gucumbagira muri Kaminuza y’Uburundi

Abakozi bo muri kaminuza y'Uburundi bahurikiye mu masendika SPEUB na SPATUB bavuga ko batewe impungenge n'uko imirimo ishobora gucumbagira muri iyo kaminuza. Imvo ngo...

Abarundi bibutse imyaka 27 irangiye hagandaguwe incungu ya demokarasi

Abarundi bibutse kuri uyu wa gatatu imyaka 27 irangiye uwahoze ari umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye agandaguwe, hari kuwa 21 Gitugutu mu 1993. Perezida Ndadaye...

Itsinzi y ’abaririmvyi izanye umunezero mu mvura nyishi

Mu rukino rutari rworoshe abaririmvyi batahukanye itsinzi y'igitsindo kimwe cinjijwe n 'umuririmvyi akiri muto azwi kw' izina rya Saint Floria ku busa bw'aba Dj. Abakinyi,...

Basaba Reta yo muvyeyi basigaranye kubafasha nabo batere imbere

Ishirahamwe ry’abapfakazi n’impfumvyi baharanira agateka kabo AVOD basaba ko Reta yobafasha bimwe biboneka kugira batere imbere. Biri mw’itangazo iryo shirahamwe ryashize ahabona kuri uno wa...

Facebook Comments