Home abakinyi bakina hanze Hussein Welo ngo afise icizere co gusezerera Musongati

Hussein Welo ngo afise icizere co gusezerera Musongati

Inyuma yo kunganiriza na Musongati Fc 0-0 ku kibuga c’intwari, umumenyereza wa Inter Star Hussein Welo ngo afise icizere co gusezerera Musongati Fc.

Ari kuri micro za bagenzi bacu b’abamenyeshamakuru Hussein Welo akaba yagize ati ”Sinshobora kuvuga y’uko nashimishijwe no kunganiriza i Bujumbura na Musongati Fc naje kurondera intsinzi ariko nayibuze ariko haracariho urukino rwo gusubiriza tugiye kwiga ingene twokwitwara neza mu rukino rwo gusubiriza”.

Abajijwe ni ikihe cizere afise mu ntara ya Gitega akaba yishuye ati “Umugwi uwariwo wose ufise icizere. Ku ruhande rwacu natwe dufise icizere, tugiye kurwana kugira turonke intsinzi”

Mwomenya y’uko urukino rwo gusubiriza rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma kizohuza iyo migwi ya Inter Star na Musongati ruzoba ku musi w’Imana igenekerezo rya 07 Ruheshi umwaka wa 2020 isaha icenda 15h00 ku kibuga c’ingoma.

Facebook Comments

Most Popular

Tayaya ngo yafashije benshi kuresha, bamwe banagira n’ubugeni

Ku wohava agira ubwoba ko yomutwara umugore kubera amajambo aryohera ugutwi avuga, ngo n'ahumure ntibizoba kandi ntivyanahabaye kuko ngo abantu bari kuba baravyumvise. Mu kiyago...

Ishirahamwe AFH ryatunganije ibikorwa vy’ici ku rwaruka ruri mu karuhuko

Mu ntumbero yo gufasha urwaruka no kururinda kuja mu bitabereye mu gihe c'uburuhuko, ishirahamwe Football Helps ( AFH) ryatunganije ibikorwa kuri urwo rwaruka bizotangura...

Urwevu ku bijanye n’ikiza COVID19

Umaze guca urwevu rero uraheza ugatahura ibitari bike. Nk'ukugira ngo umenye ibinyamubiri biriko biratera abantu, ibihugu canke isi,uraheza ukaraba inyifato bafise ugaheza ukamenya rero...

Olga ngo Karaoke niyo iriha neza gusumba kuja muri Studio

https://m.youtube.com/watch?v=2MxnoY3Wx2Y&t=150s Karaoke ni kimwe muvyatumye abasha kwibeshaho, ni naco gituma vyatumye bimutwara umwanya wo gukora umuziki. Ivyo n'ibiheruka gushikirizwa na Olga Lorrie. Mu kiyago na Indundi...

Facebook Comments