Home East Africa News Coronavirus : Abantu bane nibo gusa ngo basigaye barwaye

Coronavirus : Abantu bane nibo gusa ngo basigaye barwaye

Umushikiranganji w’amagara y’abantu mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya amenyesha ko gushika ubu igitigiri c’abarwaye ikiza ca Coronavirus cagabantse cane ku murwa mukuru w’ubudandaji Dar-Es-Salaam gushika ku bantu bane gusa.

Nk’uko bishikirizwa n’ikinyamakuru The citizen co muri ico gihugu, umushikiranganji w’amagara y’abantu Ummy Mwalimu yavuze ko mu bitaro vya Amana hasigaye abarwayi batatu gusa mu gihe mu bitaro vya Mlonganzila naho hasigaye umurwayi umwe gusa.

Ico kinyamakuru kibandanya gishikiriza ko Muganga Mwalimu amenyesha ko mu duce twa Kibaha, Tanga na Mwanza ata murwayi n’umwe asigayeyo, gusa akabandanya asaba abenegihugu gukomeza gukurikiza amategeko n’amabwirizwa bahawe yo gukinga ko ico kiza kibandanya kirandaranda mu bantu.

Mwomenya ko Reta ya Tanzaniya yari imaze igihe kigera ku kwezi idashikiriza ko hoba hari abandi banduye ico kiza canke bagikize, igihe baheruka kubishikiriza bakaba bari bageze ku bantu 509 banduye ico kiza hamwe n’183 bagikize.

Kuri uyu wa mbere waraye uheze, amashure yisumbuye na Kaminuza muri ico gihugu akaba yaraye asubiye kwugururwa icese inyuma y’amezi abiri yari aheze yugawe kubera ico kiza ca Coronavirus.

Facebook Comments

Most Popular

Imyambaro ishika ku 500 yanditsweko Saidi Ntibazonkiza igiye gushirwa ahabona

  Uwusanzwe ari umuvugizi wa Yang Africans Antonio Nugaz yavuze y’uko umukinyi w’umurundi Saidi Ntibazonkiza agiye kwitegurirwa bimwe bikomeye. Mu kiganiro yakoranye n’imwe mu mboneshakure yo...

Breaking news: Papa Bouba Diop wa Sénegal yaraye aryamiye ukoboko kw’abagabo

Uwatsinze igitsindo ca mbere mu gikombe c’isi c’umwaka wa 2002 agitsinze Ubufaransa aho Senegal yatsinze igitsindo 1-0 , Papa Bouba Diop yaraye aryamiye...

PLB : Uku niko imigwi igiye guhura kundwi ya 12

  Inyuma y’aho inkino za CAF Champions league hamwe na CAF conféderation Cup zirangiriye mu mpera zindwi iheze aho imigwi yacu yari yaserukiwe na Messager...

Diaspora News: Abahamagarira kwitaba inama yo kurabira hamwe igituma baguma bagandagurwa

Mu butumwa aheruka kurungikira ubuserukizi bw’ibihugu vya Afrika buri mu gihugu c’Uburusiya, umuserukizi w’Uburundi muri ico gihugu Edouard Bizimana abahamagarira kwunga urunani maze biyamirize...

Facebook Comments