Home Burundi Kurungika abigeme 40 kwiga hanze ibijanye n’umuyagankuba ni umwe mu migambi igiye...

Kurungika abigeme 40 kwiga hanze ibijanye n’umuyagankuba ni umwe mu migambi igiye kurangurwa

Inama nshingamateka iherutse kwemeza integuro y’itegeko ryemeza amasezerano y’Uburundi n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho iterambere kw’isi IDA, ajanye n’ingabire y’amafaranga imiriyoni 100 z’amadorari y’abanyamerika iryo shirahamwe ryahaye Uburundi.

Umushikiranganji w’amasoko ntanga nguvu, ubutare n’agateka Côme Manirakiza amenyesha ko ayo mafaranga azokoreshwa mu mugambi “Soleil Nyakiriza”. Uwo nawo ni umugambi wo gukwiragiza umuyagankuba uva ku mishwarara y’izuba mu turere turi kure y’ibisagara.

Umushikiranganji Côme Manirakiza amenyesha kandi ko muri uwo mugambi harimwo kurihira uburyo bukenewe kwiga mu bihugu vyo hanze, abigeme 40 bazoja kunonosora ibijanye n’umuyagankuba.

Facebook Comments

Most Popular

Ngo nta mbuga ngurukanabumenyi za Facebook akoresha

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida aramenyesha abarundi n’amakungu ko umushikiranganji Thaddée Ndikumana ata mbuga za Facebook akoresha. Ivyo Jean Bosco Girukwishaka...

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe bashitse amarembe i Libreville

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Angéline Ndayishimiye bashitse impore amarembe i Libreville ku murwa mukuru w’igihugu ca Gabon aho bagiye...

Diaspora: Amarushwa ashobora gushikira umuntu kubera ari mu mahanga.

Ba Sokuru nibo bayamaze bati amahanga aragurana! Twihweje igitabo citwe "The Seven habitis of Highly effective people" candistwe n'uwitwa STEPHEN Corvey, turasangamwo ahantu avuga ko...

Diaspora News : Dusenge Ketty Ange asubiye guserukira Uburundi mw’ihiganwa mpuzamakungu

Abicishije kumbuga ziwe, ni Dusenge Ketty Ange yatumiriye abarundi n’abarundikazi kumushigikira mu kumutora kuba umunyamideri w’umwaka aho yanditse ubutumwa agira ati: “Nitwa DUSENGE Ketty Ange...

Facebook Comments