Home Burundi Turyama twambaye tukavyuka twagavye nico c'ivugo c'Intahesha

Turyama twambaye tukavyuka twagavye nico c’ivugo c’Intahesha

“Akagumye bagumako” ngo nubwo uburyo bwogukora bubagora iyo bari mu mahanga, ntibarota bata akaranga, kuko “uwutaye akaranga aba ataye akabanga”, ayo niyo majambo umurwi ndangakaranga Intahesha zikoresha mu gusigura uko bikorwa vyifashe muri rusangi.

Umurwi ndangakaranga Intahesha ugizwe n’urwaruka rw’imisore n’inkumi z’abarundi baba mw’ikambi ya Mahama irimwo impunzi z’abarundi bahungiye mu gihugu kibanyi c’uRwanda , ubandanya ibikorwa vyo guteramisha ndetse no kwigisha urwaruka gukoresha ibicurarangisho kavukire.Tuganira n’abarongozi b’uwo murwi ku migambi n’imigabo yabo, aho bamenyesha ko b’ishimikiza ijambo ry’Imana kugira barangure imigambi n’imigabo ikurikira:
_Gusubiza hamwe no gukundanisha abarundi, babicishije mu mico n’akaranga.
_Guha agaciro ibicurarangisho kavukire.
_Guhimiriza urwaruka gukunda imico n’akaranga.
_Guhimiriza ubumwe bw’abarundi, inyifato,ugufashanya,ugusangira mu rukundo.
_Kwitunganya no kurondera ubumenyi kugira bazotahuke mu gihugu bafatanye munda mu kwubaka igihugu c’amavukiro. Nubwo iyo migambi biyemeje itoroshe ngo ntibarota bata hasi ngo n’ibanga ryo kubangira ingata, kanatisinda icivugo cabo ngo kirisiguye,barara bambaye bakavyuka bagavye.

Urwo rwaruka rukaba rwagumye rufatanye munda n’ubwo ibibazo bitari bike mu buzima bwabo, bahisemwo gushira imbere urukundo rw’Imana naye ikembe umuduli n’inganga biherekejwe n’intembo kama bitsimbatara murirwo.
Mwomenya ko urwo rwaruka rwamuka mu murwi ndangakaranga Abararwakaranga, umurwi wahavuye uvyara Club Amagaba.

Facebook Comments

Most Popular

Umugwi Musongati Fc washitse neza i Lusaka muri Zambia

  Umugwi Musongati Fc wo mu ntara ya Gitega waserukiye Uburundi mu mahiganwa ya CAF Confederation Cup waraye ushitse neza i Lusaka mu gihugu ca...

PLB : Uku niko imigwi izohura kundwi ya 13

  Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 05 na 06 Kigarama 2020, ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu Burundi Primus league rizobandanya kundwi yaryo...

Olivier Niyungeko niwe yatahukanye agashimwe k’umumenyereza w’ukwezi kwa Munyonyo

  Ata gukekeranya umumenyereza w’umugwi Vital’o Fc akongera akaba icegera c’umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyingeko niwe yatahukanye agashimwe gasanzwe gatangwa na BCM Burundi...

Ahamagarira abana kwiga urukino rwa Karaté

Mu bihe vy’ibiruhuko abamenyereza mu nkino zitandukanye baratunganya ivyirwa ku bana baba bari mu karuhuko, nko mu nkino za Football, na Basketball hamwe na...

Facebook Comments