Home abakinyi bakina hanze Francine Niyonsaba yagiye gushira umukono mu gitabo c'iteka ca Petero Nkurunziza

Francine Niyonsaba yagiye gushira umukono mu gitabo c’iteka ca Petero Nkurunziza

Kuri uyu wa Gatanu igenekerezo rya 12 Ruheshi 2020,  umunonotsikazi mpuzamakungu,  Francine Niyonsaba yishikiye Ku ngoro ya Ntare mu gushira umukono mu gitabo c’iteka co guhoza umuryango wa nyakwigwndera uwahoze ari umukuru  w’igihugu cacu, ndetse no ku,mwunamira ubwanyuma.

Francine Niyonsaba akaba ari umwe mu bantu bababajwe cane n’urwo rupfu rwa nyakwigendera,kumvo z’uko yaramaze gutahukana udushimwe dutandukanye nk’umudari w’ipfeza w’ihiganwa nyafrika ryo kwiruka ndetse n’iyindi midari itari mike harimwo niyo muri Olympic ariwe arongoye igihugu.

Mu kibuka ko mu mwaka wa 2016 nyakwigendera yashimiye uwo munonotsikazi  mu kumuha agashimwe k’iteka mu Ntara ya Cibitoke .

Facebook Comments

Most Popular

Rwa rukurikirane rwa Mkomboz ngo rwamaze kurangira

https://www.youtube.com/watch?v=UqPwmg6YQQY Za ndirimbo zibwa muri Tanzania, zishobora kuba zamaze kuboneka. Igituma nuko umuririmvyi Nzeyimana Thomas benshi bazi nka Mkomboz abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook...

Preeze 36 yajanye n’umuryango kwunamira umuvyeyi wiwe “Nahigejeje Wenga Emile”

https://www.youtube.com/watch?v=REgC5_uiUqM Preeze 36 uno musi niho yaja kwunamira umuvyeyi wiwe yabuze atanga, nkuko amashusho yabashije gusangiza abamukurikirana ku rubuga rwa Whatsapp  amwerekana ari ku ntatemwa...

Diamond yagavye Tsh 100,000,000 ayaha aba Motard 1000

https://www.youtube.com/watch?v=WQtmaXoJaK0 Nasibu Abdoul Juma benshi bazi nka Diamond Platnumz yaraye yinjirije 100,000,000 z’amafaranga yo muri Tanzania aba Motard 1000 yaguriye igitoro ama litiro 10 y’ubuntu. Ico...

Umugwi ndangakaranga AMAGABA ugiye guserukira igisagara ca Bujumbura ku murwa mukuru wa Poritike

Inyuma yaho umugwi ndangakaranga Amagaba babaye aba mbere mu migwi cumi ivuza umurisho w’ingoma i Bujumbura ngo bagiye guserukira igisagara ca Bujumbura muntara ya...

Facebook Comments